Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

David Sejusa umwe mubasirikare bakomeye b’ipeta rya General mugisirikare ca Uganda yazindutse ajanwa mu munyororo kuruyu w’Imana igenekerezo rya 31 nzero 2016.

Nkuko amakuru ava ngaho mugihugu ca Uganda abimenyesha Gen  David Sejusa yafashwe mu masaha yagatondo ka kare cane ,inyuma yaho inzu yiwe yazindutswe ikikujwe n’abasirikare benshi cane hamwe n’abapolisi.

Uyu mugabo ari  mubasirikare bakomeye cane mugihugu ca Uganda ndetse yari mubasirikare ba hafi bari mumugabwe wa Museveni, afashwe inyuma yaho kumusi wa gatanu atangarije kw’iradiyo ya  CSB FM yo mugihugu ca Uganda ko umukuru w’igihugu ca Uganda Museveni yamaze kwiba amatora ategekanijwe muruku kwa ruhuhuma.

David Sejusa kw'ifoto

David Sejusa kw’ifoto

David Sejusa yamenyesheje ko amatora yamaze guhera ndetse ko nibizovamwo vyamaze gutegurwa ,kugira umukuru w’igihugu ca Uganda azogume kubutegetsi .

David Sejusa akaba arumwe mubasirikare bamaze kwerekana kwadashaka ko Museveni yoguma kubutegetsi amazeko imyaka 30 ariko nawe akaba amaze guhagarikwa incuro nyishi azira ukutavuga rumwe na Museveni.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Muhira

Leave a Reply