Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’umusi umwe gusa habaye amatoro kugwego rw’igihugu cose ya bashingamateka hamwe n’umukuru w’igihugu ,ibintu mugihugu ca Uganda bibandanya bikomera hagati y’umugabwe NRM uri kubutegetsi userukirwa na Musevi hamwe n’umugabwe FDC basanzwe batavuga rumwe  userukigwa na Kiza Besigye.

Inyuma yaya matora abasanzwe bari kuruhande rwa Kiza Besigye ,batanguye kwerekana ubusuma bwabaye muraya matora ariko  guca batangura gushaka guhangana n’igipolisi mugihe bashaka kwinjira munzu vyavugwa kwariyo hariko hakoregwamwo ubusuma bw’amajwi .

Ibi rero vyateye uruhagarara rukomeye cane hagati y’igipolisi hamwe nabayoboke ba Kiza Besigye asanzwe atavuga rumwe na Reta ya Museveni ,ndetse bica binatuma uyu mugabo aca ahagarikwa vyagateganyo ibitashimishije na gato abayoboke biwe ari nako guca batangura gutana mu mitwe n’igipolisi kirikumwe n’igisirikare .

Abariko baragwanya igipolisi kubera ubwinshi bwabo ,igipolisi  ca Uganda cabuze ukungene kibikiza gitangura gukoresha ivyuka bikoroza amosozi ariko biba ivyubusa kubera ubwinshi bwabo ,ari nako munyuma baciye batangura kurasa amasasu nyayo kugira bashobore gushwiragiza abo bayoboke ba Kiza Besigye.

Inyuma yo kurasa amasasu yica  igipolisi caciye cicamwo 2 ubwo nyene ,ivyanatumye abayoboke ba Kiza Besigye batinya cane baca batangura kwiruka ndetse n’amasoko ari kumurwa mukuru ahegereye ingoro y’umugabwe wa FDC aca arugara.

Amasasu Polisi yarashe yahitanye 2

Amasasu Polisi yarashe yahitanye 2

Ibi bikaba vyashavuje cane abasanzwe bari mu mugabwe FDC usanzwe ugwanya Yoweri Kaguta Museveni.

Aya matora y’umukuru w’igihugu akaba yaranzwe n’akajagari kenshi cane kuko mubice bimwe bimwe vy’igihugu bazindutse batora uyumusi kubera ejo bitari vyakunze ko batora .

Kuruhande rw’umugabwe FDC wa Kiza Besgiye bagiriza reta ya Museveni kwiba amajwi babanje kuzimya ubuhinga bwose bw’ingurukana bumenyi hamwe no gukoresha amasandugu arimwo amajwi yazanwe n’inzego z’igipolisi.

Naho bimezuko mu biharuro bimaze kuja ahabona ,umukuru w’igihugu Yoweri Museveni niwe abandanya aza imbere namajwi arenga 60% mugihe mugenziwe Kiza Besgiye ariwe amukurikira n’amajwi arenga gato 30%.

Ibi biharuro bivugwa kwarivyimfata kibanza ariko ko kumusi wejo egenekerezo rya 20 ruhuhuma ariho bazotangaza kumugaragaro uwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply