Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe imisi yamatora iguma iharurirwa kuntoke mu gihugu ca Uganda,abajejwe umutekano murico gihugu bamaze kugura ibimodoka bidasanzwe bigenewe abajejwe umutekano bizobafasha guhangana no guhasha uwo wese azohirahira akaja mw’ibarabara agiye kwiyamiriza ibizoba vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

12688254_1252743578073024_788704899159326108_n

Izi modoka zamaze gushika mu gihugu ca Uganda ,aho bitegekanijwe ko amatora y’umukuru w’igihugu azoba muruku kwezi kwa Ruhuhuma itariki 18.

Naho abanya Uganda benshi baguma berekana kandi bemeza ko bategerezwa gusezerera Yuweri Museveni ,wewe siko abibona kuko asa nuwamaze kwitegura bimwe bihagije kurwanya uwo wese yohirahira akanka kwemera ibizoba vyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ibi bimodoka abiguze inyuma yaho abanyagihugu bamenyeshereje yuko hamwe Museveni atazokwemera ko yatsinzwe amatora abanyagihugu bazoca bihereza amabarabara bakamukuzaho inguvu zabo.

12670162_1252743638073018_2697415179138340900_n

Yoweri Kaguta Museveni akaba ahanganye cane mukibanza c’umukuru w’igihugu na Kiza Besigye umwe mubahoze mu ntwaro yiwe kuva kera ndetse akaba yarigeze kuba umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca  Uganda .

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply