Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihugu c’uBudagi (Allemagne )umugore w’imyaka 48 yitwa Laura ,yituye ubucamanza bwo murico gihugu kugira bumwemerere ko yotandukana nuwo bari barubakanye.

Inyuma yo kwitura ubwo butungane bw’ico gihugu ,uwo mukenyezi yatunganirijwe ,nkuko amategeko yaho mu Budagi abitegekanya ,munyuma iyo sentare canke ubucamanza bwaje  gutegeka abo babiri ko bogabura bakanganya ivyo bari bararonderanye.

Kuruhande rw’umugabo ntiyigeze ashima nagato iyo ngingo yubwo bucamanza kuko wewe atemera iyo ngingo yuko bogabura ivyo baronderanye  kuko amakosa yo gutandukana yari yatewe n’uwo mukenyezi wiwe.

Uyu mugabo yaciye ava ngaho yidodomba cane ,aza kuhava yemereye ubucamanza ko azokora ivyo ubwo bucamanza bwari bwamusavye ,ariko uwo mugabo ashitse muhira ivyo yakoze n’ibitangaza kuko agishika muhira yahise atangura gucagagura ,bimwe muvyo bari batunze ,akagenda abicamwo ibihimba bibiri bibiri ,kugira umugore aze gutwara igice kimwe nawe aze gutwara ikindi.

Uyu mugabo yatanguriye kumudoka abo bose bahora bagendamwo ayikatamwo ibipande bibiri (2)

intebe3

Uyu mugabo akaba yabandanije acagagura bimwe mubikoresho vyo munzu ,agenda abikatamwo ibipande bibiri bibiri .

Inyuma yo gukatagura ibi bintu mubice bibiri bibiri akaba yaciye afata igihande kimwe kimwe yemeza ko yakukira atangura kubigurisha kw’isoko mpuza makungu igurisha ibintu kumurongo (onlineshopping ) eBay yo murico gihugu.

Raba musi ayandi mafoto yivyo yakataguye

intebe intebe2 intebe4


Categories: Muhira, Mumakungu, Urukundo

Leave a Reply