Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Mugihe umushingantahe Barack Obama  atwara Reta zunze ubumwebwa Amerika yaraye akuye igihugu c’uBurundi mu bihugu vyari bifitaniye imigendaranire y’ubudandaji na USA ,bibicishije mwishirahamwe AGOA,ubu uburundi busa nubwamaze guhamvya ibindi bihugu nka Swaziland,  Gambia, na South Sudan

Umukuru w;igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika yatanze insiguro ziri muvyatumye  uBurundi  bwakwa ayo masezerano ,mu nsiguro zatanzwe hakaba harimwo ubwicanyi hamwe n’uguhohotera agateka ka zina muntu bikorwa mu Burundi kuva mumezi atanu dusize inyuma ,aho akaba ari kuva  aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatangarije ukwiyamamaza kwiwe itariki 26 ndamukiza 2015.

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika  BarackObama  ,yongeye kwibutsa kandi  ko ubwinshi bw’ivyiyumviro vya poritike butubahirizwa mugihugu c’uBurundi,  akaba yananeguye cane ingene abatavuga rumwe n’umugabwe uri kubutegetsi bahohotegwa bazize ivyiyumviro vyabo vya politike.

Raba hasi kw’ifoto itangazo umukuru w’igihugu ca USA yasize ahabona

obama yafatiye ibihano uburundi

Uburundi rero bukaba bugize igihugu kigira 4 gikuwe kururwo rutonde rw’ibihugu bifitaniye amasezerano y’ubucurzi na AGOA ,ishirahamwe rya Reta zunze ubumwe bwa Amerika.

Muri nzero ibihugu bitatu vyo muri Africa bikaba navyo vyarakuwe kw’urwo rutonde ,ivyo navyo akaba ari: Swazilannd, Gambia na South Sudan 

 


Leave a Reply