Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igihugu c’uBurundi kibicishije ku muvugizi akaba n’umwunganizi mu bushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,bongeye kwagiriza igihugu kibanyi c’uRwanda hamwe n’igihugu c’uBubirigi kuba bariko baratanga inkoho mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzania.

Nkuko vyashikirijwe na Therence NTAHIRAJA umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu ,yamenyesheje ko igihugu c’uRwanda kirikumwe n’igihugu c’uBubirigi bariko baragerageza gukwiragiza inkoho mw’ikambi y’impunzi i Nduta muri Tanzania kugira bashobore guhungabanya umutekano w’izo mpunzi.

Therence NTAHIRAJA akaba yabandanije amenyesha ko inyuma yo gutanga izo nkoho ,hariko harakorwa n’umugambi wo kuzibira  abasanzwe bashaka guhunguka kugira ntibatahe mu Burundi ,bababwira ko mu gihe botaha umutekano wabo ushobora guca uhungabana.

Ibi vyose rero uyu muvugizi w’ubu bushikaranganji  yabishikirije inyuma yaho muriyo nkambi y’impunzi yi Nduta iri muri Tanzania hafatiwe inkoho zishika kuri 40 ,zigafatwa zifishwe n’abitwa kwari impunzi.

Therence NTAHIRAJA akaba yabandanije amenyesha ko ibi vyose ,ibi bihugu ,uRwanda hamwe n’ububirigi biriko birabikora bafadikanije nabashatse gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa rusama mu mwaka wa 2015.

Umviriza amajwi ya Therence NTAHIRAJA ngaho musi

Fyonda ngaha bikworohere kubandanya udukurikira kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply