Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Uburiro bwa Kaminuza nkuru y’uBurundi iyo benshi bakunze kwita UB bwafashwe n’umuriro utamenyekanye iyo uvuye.

Ubu buriro bwafashwe n’umuriro n’uburiro bw’ishami ryo ku Mutanga aho benshi bakunda kwita Campus Mutanga .

Amakuru ava ngaho muri kaminuza y’uBurundi amenyesha ko uyu muriro watanguriye mugikoni ahasanzwe hategurirwa imfungurwa z’abanyeshure basanzwe baba muburaro bwa kaninuza y’uBurundi (UNIVERSITÉ DU BURUNDI)

Umuriro vyaboneka kwari mwishi muburiro bwa Kaminuza y'uBurundi

Umuriro vyaboneka kwari mwishi muburiro bwa Kaminuza y’uBurundi

 

Naho igipolisi kijejwe gukingira impanuka cagerageje kunyaruka kuzimya casanze bimwe mu bikoresho vyo murico kigo bimaze kwononekara cane ,ariko bakaba bashoboye kuzimya umuriro utaragera kure.

Gushika aya mango rero hakaba hataramenyekana icoba cateye uwo muriro ariko hakaba havugwa kwo woba waturutse kuntsinga z’umuyagankuba .


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply