Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryahagurukiye umukuru w’igihugu c’uRwanda ,inyuma yo gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro kugira azobandanye atwara uRwanda gushika mumwaka wa 2034.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ry’ubumwe ba buraya ryasize ahabona kw’igenekerezo rya 3/12/2015 ,iryo shirahamwe ryamenyeshejw ko guhindura ibwirizwa nshingiro ry’igihugu ari igikorwa gikwiye gukorwa kunyungu z’abanyarwanda bose muri rusangi .Iri shirahamwe ry’ubumwe bwa buraya  ryabandanije rivuga yuko ivyo bikorwa mugihe igihugu kiri mungorane gishaka guhindura amategeko kugira batorere umuti ivyo bibazo baba barimwo.

Iri shirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryabandanije rivuga ko guhindura ibwirizwa nshingiro kunyungu z’umuntu umwe gusa ari ugutesha agaciro amategeko y’igihugu kuko bihungabanya ibijanye no gutwara gushingiye kuntwaro ya Demokarasi nkuko buri mungingo ya 23 y’amasezerano agenga ibihugu vya Africa muvyerekeye intwaro rusangi.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rikaba rimenyesha ko rishigikiye ibisikanya hisunzwe intwaro rusangi ya demokarasi ,kandi bikaba kumugaragaro ,abanyagihugu ubwabo bakitorera uwubaserukira atagahato ,atanumusunikano.

Iri shirahamwe ry’ubumwe bwa buraya rikaba ryasavye umukuru w’uRwanda kurabira akarorero keza kuri mugenziwe w’igihugu ca Tanzania ,kuko arivyo bihesha agaciro amategeko y’igihugu n’abanyagihugu ubwabo bico gihugu.

Ibi bikaba vyashikirijwe inyuma yaho intumwa idasanzwe ya Amerika mubihugu vyakarere kibiyaga binini nawe aherutse gukurira inkoni kugishitsi Paul Kagame amusaba kwatoramuka yitoje kuko bishobora gukwega izindi mvururu mu Rwanda.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply