Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu nama yahuje abagize ubumwe bwa Buraya (UE)kuruyu wa mbere igenekerezo rya 14 ntwarante 2016 mu ntumbero yo  kwiga kukibazo c’uBurundi ku ngingo ya 96 yo mumasezerano yi Cotonou ,kugira barabire hamwe ko muvyukuri imfashanyo ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya vyoguma bitanga imfashanyo ku Burundi,iyi nama yaheze abari muriyo bafashe ingingo yo guhagarika intererano burundu yahora igenewe uBurundi.

Inyuma yigihe kitari gito ubumwe bwa Buraya buriko buriga kukibazo c’uBurundi ,ubumwe bwa Buraya bwasanze ko naho hari ibitari bike uBurundi bwerekanye ko bwashitseko ko hakiri vyinshi bitegerezwa gukorwa n’ubutegetsi bw’uBurundi kugira imfashanyo ubumwe bwa Buraya bwahora buha uBurundi yongere gutangwa.

Naho bimezuko ,ubumwe bwa Buraya bwamenyesheje ko igihagaritswe ari imfashanyo ibihugu vy’ubumwe bwa Buraya  vyahora bigenera ikigega ca reta y’uBurundi kwariyo ihagaritswe ariko ko imfashanyo yamafaranga yahora aca mumashiramwe y’ingenga yo gufasha abanyagihugu hamwe no gutanga imfashanyo kubatishoboye kwizobandanya itangwa .

ue

Muriyo ngingo y’uBumwe bwa Buraya ,ibihugu bigize uwo muryango w’ubumwe bwa buraya vyamenyesheje ko reta y’uBurundi itegerezwa kwihutira cane gukora ivyo isabwa n’amakungu kugira izo mfashanyo zisubire gutangwa.

Federica Mogherini,umwe mubategetsi bakuru bari muriyo nama asanzwe anajejwe igisata c’imigenderanire y’amakungu hamwe n’umutekano yamenyesheje ko ibiriko biraba mu Burundi bihangayikishije cane ubumwe bwa Buraya ariko ko bafise icizere ko ibintu bishobora kugenda neza.

Federica Mogherini yabandanije amenyesha ko ingingo yafashwe n’ubumwe bwa Buraya ariyo kwerekana neza aho ibihugu biri muruwo muryango w’ubumwe bwa Buraya bihagaze ndetse kwari n’ingingo yo guhamagarira reta y’uBurundi kugira ifate ingingo ziboneka zo kugaruka amahoro n’umutekano mu Burundi.

Kubwa Neven Mimica wewe,umwe muba comiseri (Commissaire)bu bumwe bwa Buraya ajejwe ivyiterambere yamenyesheje ko ubumwe bwa Buraya buzoguma hagufi Abarundi bose muri rusangi ndetse ko ingingo zafashwe n’ubumwe bwa Buraya arizo gusaba no guteguza reta y’uBurundi kugira yihutire gukemura ikibazo c’umutekano n’ubwicanyi bumaze guhitana abarenga 400 bugatuma abageza 240.000 bahungira mu bihugu bibanyi.

Neven Mimica nawe yabandanije amenyesha ko amahera y’ubufasha bw’ihuta azobandanya atangwa ariko akazoba aramahera atazoba aca nagato kububiko bwa Reta y’uBurundi.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply