Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu nama  yariko irabera mu gisagara ca Addis Abeba mu gihugu ca Ethiopia kuruyu wagatanu igenekerezo rya 11 munyonyo 2016,abakuru bibisirikare basanzwe barongoye abasirikare bari kubutaka bwa Somalia kubungabunga amahoro n’umutekano ,bariko barigira hamwe ingene amatora yimirije  murico gihugu  yocungerwa kurugero rushimishije ningene bokora ibishoboka kugira amahoro agaruke aho abarwanyi ba Al Shabab basanzwe barigaruriye.

Iyi nama yari yatumiwemwo ibihugu vyose bisanzwe bifise abasirikare mu gihugu ca Somalia uhereye ku Burundi,Djibouti,Kenya ,Ethiopia hamwe na Uganda.

Iyi nama kandi yarihagarariwe ku gwego rwo hejuru n’ubumwe bwa Afrika ndetse ikaba yarirongowe na Ambassadeur  smail chergui ajejwe ibibazo vy’amahoro  n’umutekano muri Union Africain.

Abasirikare babarundi kukibuga c'indege bagiye kubisikanya n'abandi

Abasirikare babarundi  bagiye kubisikanya n’abandi mu gikorwa co gucungera amahoro n’umutekano muri Somalia

Muvyo bashitseko abari mur’iyi nama ,basavye ko abasirikare ba AMISOM  bokwongererezwa  abandi basirikare bashika kuri 4000 muraya mezi atandatu ari imbere kugira bazoze gufasha abandi kuzana umutekano mu gice ca Jumba kiri muburaruko bushira ubuseruko bwa Somalia.

Kurundi ruhande aba bari muriyo nama bateye ivyatsi ingingo y’ibihugu vy’ubumwe bwa Buraya bwaheruka kuvuga ko bugiye gufatira uBurundi aho ,bari bamenyesheje ko amahera baha abasirikare azoja araja kububiko bw’abasirikare atabanje guca mukigega ca reta.

Mu rwandiko ubumwe bwa Africa bwosohoye inyuma yiyo nama ,bamenyesheje ko bateye ivyatsi iyo ngingo ,bagirako basaba ko abasirikare babarundi bari muri Somalia botunganirizwa nkabandi bose kuko bose bari kugikorwa kimwe.

Ubumwe bwa Africa bwabandanije bumenyesha ko hamwe ,ubumwe bwa  Buraya bwoshira mungiro ivyo baheruka kuvuga kwoba gusa no kuvangura abasirikare kandi bose bari kugikorwa kimwe.

Ibiakaba arivyo ubumwe bwa Africa bwashikirije ku Burundi inyuma y'inama

Ibi akaba arivyo ubumwe bwa Africa bwashikirije ku Burundi inyuma y’inama

“”Strongly rejects the recent decision by the EU to differentiate its payment procedure to the Burundian National Defence Force (BNDF) contingent in Somalia. Emphasises that the deployment of the BNDF is within the context of an AU deployment and there should be non-discrimination in the payment to all TCCs; Recalls the sacrifices being paid by the forces on the ground and, encourages the EU to urgently consider modalities for reversing this decision, which could have far-reaching negative consequences on AMISOM operations and the overall security gains achieved in Somalia.””

Aha twobibutsa ko abasirikare bose bari muri Amisom basanzwe bangana na 22,126 ,uBurundi bukaba bufisemwo abagera kuri 5.432  kikaba arinaco gihugu kigira kabiri gifiseyo abasirikare benshi inyuma ya Uganda ifiseyo 6.223

 

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply