Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihugu c’uBuhinde kimwe mubihugu bisanzwe bibarizwamwo abantu benshi kw’si inkuba yihaye ibara ikubita abantu bagera kuri 120 bose baca bahita bitaba Imana.

Aya makuru yemejwe neza n’abategetsi b’igihugu c’uBuhinde aho uwusanzwe ajejwe umutekano w’abanyagihugu bwana Singh Kumar yemeza aya makuru ko abantu bashika 120 bitavye Imana bakubiswe n’inkuba mu bice bitatu bitandukanye vy’uBuhinde(Inde).

Nkuko vyatangajwe na Singh yamenyesheje ko murabo 120,abantu 53 bakubitiwe n’inkuba mu gice ca Bihar kimwe mugice c’uBuhinde gisanzwe giherereye mu buraruko bushira ubuseruko bw’ubuhinde mugihe abandi bashika 16 baguye mugice ca Madhya Pradesh ,10 bakubitirwa niyo nkuba mugice ca Jharkhand mugihe abandi 41 baguye mugice ca Uttar Pradesh

Ibi bikaba vyabaye kumusi wejo uheze igenekerezo rya 22-ruheshi 2016 aho hazindutse harwa imvura ivanze n’imituragaro hafi y’igihugu cose c’uBuhinde.

Imvura yaguye yatumye amwe mu mabarabara yuzura binatuma kuyacamwo bigorana cane

Imvura yaguye yatumye amwe mu mabarabara yuzura binatuma kuyacamwo bigorana cane

Iki gitigiri c’abantu bakubiswe n’inkuba kikaba catangaje abantu benshi cane kuko hari haheze igihe kinini inkuba itiha ibara murico gihugu c’ubuhinde.

Twobibutsa ko mu myaka 20 dusize inyuma igihugu c’uBuhinde cabaye gihugu cambere hashoboye gupfamwo abantu benshi bakubiswe n’inkuba kuko hari haharuwe abantu barenga ibihumbi bibiri (2000)bakubiswe n’inkuba mu gihugu cose c’uBuhinde.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply