Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihugu c’ububirigi(Belgique) ibintu biguma bikomera ,abatwara ico gihugu nabo babandanya bafata ingingo ruhasha kugira bakurikire neza abakekwako ubwicanyi bwabaye mwiyinga riheze mugihugu c’uBufaransa(France) hamwe nabashaka kugaba ibitero kurico gihugu c’ububirigi.

Kuruyu wa mbere umushikiranganji wambere w’ico gihugu yafashe ingingo ko amashure atugurugwa ,ndetse nindarayi (trains)zahora zunguruza abantu zahagaritswe kugira babanze bahige  abihevyi bivugwa ko bari kubutaka bw’ico gihugu c’ububirigi.

Salah Abdeslam  ari muri bamwe bemezwa ko yari muteye mugisagara ca Paris bakiha inkumbi yabantu bashika 129 niwe yaraye arahigwa buhongo naba polisi isinzi mugisagara ca Brussells ariko igipolisi cico gihugu nticigeze gishobora kumubona ,ndetse amakuru avuga ko gushika iyi saha atawuramukubita ijisho.

Kubw’umushikiranganji wambere wico gihugu bwana Charles Michel ,yasizeho amategeko nkay’ igihugu kiri muntambara ,aca ategeka ko kuruyu wambere amashure yose aza kuba yugaye ,abana bataza kuba barekuriwe kuja kw’ishure ,anategeka yuko amabarabara y’indarayi akunda guhurigwamwo nabantu benshi aza kuba yugaye muntumbero zo gukingira umutekano abanyagihugu.

Bwana Charles Michel ,ntiyagarukije ngaho kuko muraka gatondo nyene haciye hasohoka irindi tegeko ribuza amaradiyo hamwe n’ibimenyesha makuru gutangaza inkuru kubiriko biraba murico gikorwa co guhiga abo bagizi ba nabi.

belg

Aha twobibutsa ko abo bagizi banabi bamaze imisi igera kuribiri bariko barahigwa ,ariko uwuhigwa buhongo akaba ari umwihevyi Salah Abdeslam kuko yagirizwa kwica abantu isinzi mugisagara ca Paris.

bishasha.com


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply