Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igitero cabereye iBujumbura kumakambi 3 y’igisirikare mw’ijoro ryo kuwakane itariki 11-kigarama 2015, kigahitana abantu barenga 87 mumusi umwe gusa,amakungu yatanguye guhaguruka asaba ko hoba amatohoza ataho yegamiye kugira ukuri kumenyekane.

Nkuko vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’ububanyi n’amahanga bw’igihugu c’uBubirigi kuruyu wagatandatu kumugoroba,ubwo bushikiranganji bwasavye ko hoshigwaho vyihutirwa umurwi wigenga ujejwe gutohoza ivyabaye inyuma y’igitero cahitanye abarundi barenga 87 mugisagara ca Bujumbura.

Igihugu c’ububirigi gisanzwe kiri muvyakoronije uBurundi camenyesheje ko gihangayikishijwe cane n’umutekano muke uriko urarangwa mu Burundi ,kandi ko batewe umutima uhagaze n’abantu birigwa baricwa bongera batorwa mu mabarabara yo mugisagara ca Bujumbura.

Nkuko vyatangajwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu bwana Didier Reynders,yamenyesheje ko igihugu ciwe gihangayikishijwe n’abantu bishwe kuruyu wagatanu ,aca asaba abariko barashwamirana guhagarika ubwicanyi vyihuta ,anasaba ishigwaho ry’umurwi uzotohoza kwiyicwa ryabantu 87 baguye mumirwano yabereye iBujumbura.

Tubibutse ko Didier Reynders yaheruka gusaba aba birigi basanzwe badafise ico bakora gihambaye ngaha iBujumbura gutahanwavyihutigwa,ndetse kuruyu wagatanu akaba yari yasavye ababirigi baba Ibujumbura ko batohirahira ngo bave munzu zabo .

Iki gitero rero kikaba cabaye icambere gikomeye gikozwe iBujumbura ,iki gitero nyene kikaba kibaye icambere bitangajwe ko hishwe abantu benshi kuko bivugwa ko abashika 79 kuruhande rwabari bateye bahasize agatwe mugihe kuruhande rw’igisirikare abashika 8 nabo bahasize agatwe.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply