Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abazi kwihweza ibintu n’ibindi bavugako ukwo ari ukwikanga intsinzi imbere yuko intambara itangura.”Poutine agira amugwanye rimwe mugabo bizoba birebire”ubu Rusiya bwitegura gushira ahabona ivyemezo vyagiriza ubutegetsi bwa Amerika n’inzego z’iperereza ko nabo bari mugitero cokuwa 11 nyakanga.Murutonde rwivyemezo bafise harimwo amasanamu yafashwe n’ibigendajuru vy’igihugu ca Russia.

Ivyo vyemezo bizoshigwa ahabona bizoba arivyokwerekana ingene ubutegetsi bwa Amerika bwifatanije nabandi mwivyo bitero vyokuwa 11 nyakanga ningene babishitseko kuvyiyumviro vyashizwe ahabona. Ico gitero categuwe n’intwaro y’abanyamerika gishigwa mungiro n’abatumwe,kuburyo ico gitero caraba Amerika n’abanyagihugu cabonekako nkaho umengo gisa nikintu citerabwoba mpuzamakungu.

Igihugu ca Russia cabandanije kimenyesha ko Ivyateye reta zunze ubumwe bwa Amerika  gukora ubwo bubeshi hamwe nokwica abanyagihugu babo kwari ugukorera inyungu ziva mubitoro vya Amerika n’amashirahamwe ya moyen-orient.

Ico cemezo kizobatsindisha mugushira ahabona ibinyegezwa vyose vyico gitero cokuwa 11 nyakanga cashigikiwe n’ubutegetsi bw’amerika

Ubu Rusiya bwerekanako Amerika izi gutegura ibitero vy’iterabwoba bakoresheje ama drapeau atariyo mubanyagihugu babo kugira bashike kucitwazo cokuja gutabara bakoresheje abasoda babo mu bindi gihugu.kuvyerekeye ibitero vyo kuwa 11 nyakanga icemezo canyuma n’amasanamu yo kuma satellites .

Aba bashaka shatsi bakoze aya matohoza basanza ko mugihe ibi bimenyetso vyofata reta zunze ubumwe bwa Amerika ko yoba arintsinzi idasanzwe kuri Vladimir Poutine ,ariko kandi ntibirengagiza ko bishobora guca bizana umwuka mubi munyagihugu bigatuma ibihumbi vyabanyagihugu biha amabarabara bakaja kwiyamiriza ubutegetsi bwabo.

None Leta Zunze ubumwe bw’amerika izoca iba iki kuri politique yisi yose?

Hamwe iki cipfuzo ca Russia coja mungiro ndetse benshi bakanyurwa nivyo boba bashikirije ,agaciro ka Amerika yarifise mukugwanya iterabwoba kw’isi yose koca gakugwaho ibi navyo vyoba bihaye  inguvu zidasanzwe  imitwe y’iterabwoba gusambagura ibihugu bisanzwe bigeramiwe n’iterabwoba mu mwanya muto cane.

Abahinga batandukanye hamwe n’abanditsi bibimenyesha makuru bikomakomeye bagiye baratanga ico biyumvra kuriyi ngingo  y’igihugu ca Russia hamwe coshira ahabona ibi bimenyetso.

Kubw’ikinyamakuru   Fawkes News coco gisanga hamwe iyi nkuru niyemezwa nivyo bakoze bikemezwa azoba ari igitutsi kuri reta zunze ubumwe bwa Amerika kibaguyeko,naho  inkurikizi zizoca ziba ubwonyene kubera ivyahishijwe bigiye hejuru izo nkurikizi zizoba zibi cane kuri bamwe,ndetse bigashobora nogutuma  ingwano y’isi yose yaduka kandi bikazana n’inkurikizi mbi cane kuruta gutanga ibihano bisanzwe bijanye n’ubutunzi.

kubwa Infowars bobo basa nabafashe aya makuru yatanzwe n’abahinga ba Provda nk’inkuru yugushikuza ndetse bakemeza ko aba bavyanditse kwari ugushaka guha inguvu igihugu ca Russia muriyi misi kiriko kiraraba ayingwe na Reta zunze ubumwe bwa Amerika.

Kubwa Gordon Duff wewe umuhinga mubijanye no kumenyesha amakuru yemeza ko bamwe mubari bafise uruhara muriki gitero co kuwa 11 nyakanga bakingiwe cane na reta zunze ubumwe bwa Amerika kugira ukuri nyako ntikuje ahabona aha Gordon Duff yashikirije ko nka Massad umugabo wo muri rabie saoudite afise vyinshi azi kwiki gitero ariko ko yakingiwe n’ubutegetsi bwa Amerika.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Leave a Reply