Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Burj khalifa ,inzu yambere kw’isi iteye igomye ,ikaba n’inzu yambere kw’isi iruta izindi zose kuva isi yabaho ndetse ikaba n’inzu yambere yubatswe n’ubuhinga butangaje hamwe n’aba Ingenieurs bakaruhariwe kw’isi. Kubona iyi nzu iri kw’isi nikintu gisa naho gitangaje kuko nabayubatse batari bazi neza ko bashobora kwubaka inzu ndende ingana nkiyo bashitseko . Abantu benshi bama bumva burj khalifa bakibaza ngo ninyubako isanzwe ariko muvyukuri n’inzu idasanzwe ,inzu ifise ubudasa budasanzwe inzu abahinga muvyo kubaka basanga […]

Inyuma yaho ibihugu bibiri rudende muri Africa bitangarije ko bivuye muri sentare mpuzamakungu y’iLahe CPI (Cour pénale internationale),ibindi bihugu vya Africa bibandanya bimenyesha ko navyo bikuye akarenge muriyo sentare ,abakuru b’ibihugu vya Africa bakunda kwagiriza ko yashinzwe kugira izoze irarenganya abategetsi ba Africa. Kuyindi ncuro habonetse ikindi gihugu kimenyesha kumugaragaro ko kivuye muriryo Sentare mpuzamakungu CPI ( Cour pénale internationale) ,ico naco sikindi ni kimwe mubiguhu vyiganjemwo aba islam benshi […]

Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

S atan 2 n’ikigwanisho co mubigwanisho bifise ubumara kidasanzwe giheruka gushigwa ahabona n’igisirikare ca Russia ,satan 2 cakozwe n’igisirikare  ca Russia kuva mu mwaka wa 2009, iki kirwanisho kikaba kiri  mubwoko  bw’ibigwanisho bwa Heavy Intercontinantal Ballistc Missile . Satan 2 nkuko benshi bakunda kucitwa ,gisanzwe citwa mu mazina y’igisirikare RS-28 Sarmat ,iki kirwanisho kiriko kiratera ubwoba isi yose casinzwe mu bicapo n’umuhinga mu vyagisirikare w’umurusiya yitwa Makeyev Rocket mu mwaka wa 2008,kica gitangurwa […]

Mugihe haheruka guhagarikwa amwe mumashirahamwe ajejwe ivyagateka kazina muntu  yarasanzwe akorera ngaha mu Burundi kuruyu wa mbere naho igenegekerezo rya 24-gitugutu 2016 hongeye guhagarikwa vyagategeganyo ayandi mashirahamwe yigenga ashika kuratanu . Aya mashirahamwe yahagaritwe naya akarukira  1:COSOME 2:UBJ 3:CB-CPI 4:Ligue Iteka 5:SOS Torture Urwandiko ruhagarika ayo mashirahamwe vyimfatakibanza rukaba rwasohowe n’umushikirangani w’intwaro yo hagati mugihugu  Pascal Barandagiye Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Muhira

Mugice ca mabanda mu ntara ya Makamba muri Commune Nyanza-Lac  ibintu vyahabereye vyatangaje atari bake inyuma yaho abakozi b’imana b’ishengoro pantikoti( Pentecôte)bafataniye mumashati bagatangura guterana ingumu ariko abapolisi barikumwe n’uwutwara iyo ntara baca baza gusukamwo mabisi ibara ritaragwa. Aba bariko barashwamirana n’umukozi w’Imana asanzwe azwi nka Pasteur Seth hamwe n’uwundi asanzwe azwi nka Pasteur Emmanuel bose bo mwishegero Pentecôte ryo muri  Commune Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Aba bakozi b’Imana b’ishengero […]

Categories: Amakuru, Gospel, Muhira

Murukino rutari rworoshe na gato rwariko rurahuza umurwi wa Valencia wari kukibuca cawo hamwe n’umurwi wa Fc Barcelona wariko urakora ibishoboka vyose kugira urare uri mukibanza cambere mu gihugu ca Espagne ,abakunzi b’umurwi wa Valencia ntibihanganiye na gato abakinyi b’umurwi wa Fc Barcelona inyuma yo kubona ko ikipe yabo iri kumwanya wa 11 mwiryo higanwa icinzwe muminota yinyongera. Uru rukino naho rutari rworoshe kumoande zose ,umurwi wa Fc Barcelona niwo washoboye […]

Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Nimbona Jean Pierre Kidum benshi batazira Kibido canke Kibuganizo ,yerekanye urukundo akunda Donald Trump ,umwe mubahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu matora agiye kuba muruku kwezi kwa kigarama . Ibi Kidum yabikoze abicishije kuruhome rw’iwe rw’ingurukana bumenyi Facebook aho yashira ifoto asa kuri Facebook yiwe ,asa nayo yihinduye mw’ishusho rya Donald Trump ndetse yongeye n’amazina yuyu mugabo mu mazina yiwe . Iki gikorwa ca Kidum catangaje benshi […]

Categories: Burundi, Muhira, Umuziki

Petero Nkurunziza ,umwe mubakuru bibihugu batwara igihugu gito kandi gikenye kumugabane wa Africa yakoze ivyo benshi babona kwari nk’igitangaza ndetse abandi bakabibona nkukurinda kudasanzwe kuko ivyo yakoze vyari bimaze imyaka  bisa nibikunda kujugumiza abatari bake uhereye kubihugu bisanzwe bikomeye k’umugabane wa Africa ,nka Africa y’epfo hamwe na Kenya gisanzwe gifatwa nk’igihugu giteye imbere kurusha ibindi mugice ca Africa y’ubuseruko. Mugihe abakuru bibihugu benshi ba Africa bari bamaze igihe bakorako basha ,ndetse bakanavyamiza mu kanwa ariko […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Umviriza ingene Hussein Radjabu yagiriza umukuru w’igihugu ubwicanyi :umviriza amajwi .Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Inyuma y’imyaka ishika kuri 23 incungu ya Demokarasi ,Ndadaye Melchior Agandaguwe n’azimwe muntwazangabo z’uBurundi ziterekwa  nagato ubutegetsi bwiwe ,bwari bubaye ubwambere bwari bwitorewe n’abanyagihugu kuva uBurundi bwabaho,bamwe mubagandaguye Ndadaye Melchior  barigana ingene vyagenze kugira agandagurwe ndetse bakemeza ko  yagandagurwa urupfu rubababaje kandi ruteye agahinda. NDUWUMUKAMA Philibert batazira Kimwi umwe mubasirikare bari bafise ipeti rya Caporal murico gihe ,yemeza neza ko  yari mubasirikare bane bari bahawe igikorwa co kugandagura   ,umuhisi Ndadaye Melchior […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Mugihe abantu bose kw’isi babandanya bemeza ko intambara y’isi yose ya gatatu iriko iravuza ubuhuha abasirikare b’igihugu ca Russia babandanya bitegurira iyo ntambara bimwe bidasanzwe bongera berekana bimwe mubikoresho vya gisirikare  bidasanzwe bazokoresha kugira bahangane na Reta zunze ubumwe bwa Amerika basanzwe bafata nkumwansi wabo wambere. Iki kirwanisho berekanye kuncuro yambere nikirwanisho kidasanzwe kitari bwaboneke na rimwe kw’isi kuko gikozwe kubuhinga budanzwe ndetse kizoba gikoreshwa nibimeze nk’imishwarara y’izuba kugira bize biraturira […]

Categories: Muhira

Bob Rugurika ,Umuyobozi w’insamirizi  RPA ijwi ry’abanyagihugu yaraye ahawe agashimwe kitiriwe ,ubwigenge bwo kumenyesha amakuru kumugabane wa Africa. Aka gashmwe akaba yagahawe na CNN MultiChoice African Journalist Awards mugihugu ca Africa yepfo mu gisagara ca Johannesburg . CNN MultiChoice African Journalist Awards ikaba yatanze ubushimwe bugera kuri 37 kubamenyesha makuru bashika 1637 bari murayo mahiganwa ,ndetse Bob Rugurika akaba arumwe murabo 37 baronkejwe agashimwe na CNN MultiChoice African Journalist Awards.       […]

Categories: Amakuru, Muhira

Domitien Ndayizeye yahoze atwara uBurundi kuva mu mwaka wa 2003 gushika mu mwaka wa 2005 yaneguye cane imvugo y’umukuru w’ubumwe bwa Africa akongera akaba n’umukuru w’igihugu ca Chad ,umushingantahe Idriss Deby. Ibi Domitien Ndayizeye yabishikirije inyuma yaho ,Idriss Deby amenyeshereje ko ,ikiringo ca Petero Nkurunziza cemewe n’amategeko ndetse ko abazungu harimwo ubumwe bwa Buraya hamwe n’ishirahamwe rijejwe umahoro kw’isi arivyo biri inyuma y’ingorane ahanini zirangwa mu Burundi. Mu majambo y’umukenguzamateka ,Domitien Ndayizeye  yamenyeshe ko […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe bwa Amerika ,Barack Obama yaraye ashikirije ko igihugu ciwe kiriko kiritegura bimwe biboneka kugira mu myaka 14 iri imbere kizobe catanguye kurungika imiryango y’abanyamerika  kuba kukwezi  hamwe no gutembera ku kwezi nkuko bisanzwe bikorwa kumubumbe w’isi usanzwe twese dusanzwe tubako. Ibi Barack Obama yabishikirije kuruyu wa kane ,igenekerezo rya 13 gitugutu 2016 aho yariko arashikiriza ikiganiro kukinyamakuru ca CNN . Barack Obama yatanguye ashima intabwe igihugu ciwe kigezego mubijanye n’ubuhinga […]

Persille Mwidogo yigeze kwerekwa kuwurwanya Nkurunziza aba agwanya Imana,ngo yongeye kwerekwa ko uBurundi butegerezwa kuva muri CPI Ushingamatekakazi  Persille Mwidogo yatowe mu Ntara ya Ngozi  yongeye kwemeza ko Imana yamubonekeye kuyindi ncuro  igira kabiri ,anemeza ko abashingamateka bose bategetswe gutora itegeko rituma uBurundi buva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’iRahe. Persille Mwidogo yabandanije amenyesha ko umushingamateka ataza gutora iri tegeko azoba aciye kubiri n’ubugombe bw’Imana kuko ivyo yariko arababwira arivyo yari […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Idriss Deby,asanzwe ari mukuru w’igihugu ca Chad akongera akaba ariwe  aramutswa ubumwe bwa Africa muriki gihe yashigikiye mugenziwe w’igihugu c’uBurundi,ahoyemeje   ko ibiriko bishikira Petero Nkurunziza aramutswa uBurundi ko vyose biterwa nabamawe mubihanagange kw’isi harimwo nkabajejwe Inama iharanira umutekano kw’isi (Nations Unies),Reta zunze ubumwe bwa Amerika(USA) hamwe n’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya muri rusangi. Avugira kuri Micro y’ikinyamakuru ca mu Budagi gisanzwe kizwi nka DW ,Idriss Deby yamenyesheje ko ,ikiringo […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Umukuru w’igihugu c’uBurundi ,Pierre Nkurunziza yaneguye cane abamaze imisi bavuga ko muBurundi hashobora kuba ihonyabwoko ndetse agirako anasaba ko abo birigwa barayaga ihonyabwokoko  boja kurikora iwabo kuko atamugisha na muto uri mwihonyabwoko Umviriza mu majwi umukuru w’gihugu Pierre Nkurunziza. . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ya ONU yariko irabera i New york ,umushikiranganji w’imigenderanire y’uBurundi n’ayandi makungu, Alain Aime Nyamitwe ,yari yaserukiye reta y’uBurundi muriyo nama ya ONU yiyamirije bimwe bikomeye icegeranyo c’abahinga ba ONU baheruka gusohora kugihugu c’uBurundi. Alain Aime Nyamitwe ahanini yiyamirije ico cegeranyo ,amenyesha ko ivyo abahinga ba ONU bakoze ari amakosa adasnzwe kuko mu mategeko yo gukora ayo matohoza kizira gufatira kuvyemezo uronkeye kubuhinga ngurukana bumenyi nka  WhatsApp. […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Ibihumbi vyabantu na cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura bazindukiye mw’ibarabara kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 24/09/2026 mu ntumbero yo kwiyamiriza icegeranyo c’abahinga  b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baheruka gusohora. Aba bantu bakaba bihaye amabarabara inyuma yaho hari umurwi w’abantu biyitwa abava mu bwoko bwabatutsi bari bamaze imisi 2 baja mwibarabara mu kwiyamiriza ico cegeranyo. Aba bagiye mwibarabara rero bose bakaba bari bafise ubutumwa bumwe bose aho biyamiriza ico bita inkono […]

Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

urunani rutavuga rumwe na Reta ya Petero Nkurunziza  CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi) rwasavye inama y’umutekano kw’isi kwihutira gushira mungiro ingongo y’ishirahamwe mpuzamakungu ya 2303 yo kurungika abasirikare mu Burundi vyhuta. Ibi CNARED Giriteka yabisohoye mu rwandiko yasize ahabona inyuma yaho abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoreye urwandiko rwemeza ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko umwanya n’umwanya kubera […]

Categories: Amakuru, Muhira, Politic