Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Tom Perriello intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe bwa Amerika mukarere kibiyaga binini ,yashikirije impungenge afise mubiriko birabera mu Burundi , Tom Perriello yavuze kumpande zose haba kuruhande rw’abatavuga rumwe na Reta ya Petero Nkurunziza hamwe n’uruhande rwabasanzwe baramutswa igihugu uyumusi.

Mumajambo yiwe bwana Tom Perriello yashikirije igihe yariko arahatwa ibibazo n’umwe mubamenyesha makuru biradiyo y’ubufaransa  bwana Tom Perriello yamenyesheje kwafise impungenge zidasanzwe kubera ikiringo  ntarengwa umukuru w’igihugu  Petero Nkurunziza aheruka gutanga kugira abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha bazobe babisubije.

Tom Perriello yabandanije avuga kwatewe impungenge n’amajambo amaze imisi akoreshwa n’abategetsi bu Burundi atera ubwoba ababa muma quartier yabayemwo imyiyerekano yo kw’iyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza,kuko ayo majambo adahumuriza na gato ngo ahubwo kwashobora gutera ibibazo bidasanzwe mu Burundi,bigatuma abantu bicwa kuruta uko vyahora.

Kuruhande rwabasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Nkurunziza bwana Tom Perriello yamenyesheje ko naho afise impungenge zidasanzwe kuko abatavuga rumwe n’ubutegetsi basanzwe baba muma quartier y’iyamirije ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza  , benshi muribo bahengera ijoro ry’iteye bagatangura gutera ama grenade  inzego zijejwe umutekano(police).

Tom Perriello akaba yasavye  ko abo vyega bose bakwiye kwicara hamwe bagatorera umuti ikibazo gihanze u Burundi mumaguru masha ,amazi atararenga inkombe.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply