Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko bimenyeshwa na Tito Bucumu umwe mubasanzwe bari mumugabwe wa MSP usanzwe uri murunani COPA ,yamenyesheje ko bwana Jean De Dieu MUTABAZI yakombowe kumabanga y’ubuyobozi bw’urunani COPA ,inyuma yukubona kwatitayeho ivyurunani COPA .

Nkuko Tito Bucumu yabandanije abimenyesha ,yamenyesheje kw’iyi ngingo yafashwe inyuma yaho abasanzwe bafise imigabwe murugwo runani bagiriye hamwe maze bagafata ingingo yo gukura Jean De Dieu MUTABAZI kurayo mabanga y’uburongozi bwa COPA.

Aba bagiye hamwe bagakura Jean De Dieu MUTABAZI bamwagiriza gukura amwe mumazina yari yatanzwe nuru runani kugira baje mubiganiro bihuza abarundi ,{la commission de Dialogue Nationale} (CNDI),aha rero bwana Jean De Dieu MUTABAZI akaba yaciye yishiriramwo ayandi mazina batumvikanyeko ,ngwibi rero bikaba bitigeze binezera nagato aba bari murugwo runani rwa COPA.

Jean De Dieu MUTABAZI arongoye urunani COPA

Jean De Dieu MUTABAZI arongoye urunani COPA

KubwaJean De Dieu MUTABAZIasanzwe arongoye RADEBU ,wewe asanga ivyo Tito Bucumi avuga ngwari nko kwikinira kuko uyu Bucumi hamwe nabagenziwe aribo bakuwe murugwo runani rwa COPA ,kubera ukutitwara neza no kutagendera akarangamutima kurwo runani.

Naho bimezuko abantu benshi baremeza kwizo ryane zifatiye kumagabura nyama y’ibiganiro bigiye gutangura ,mu misi ya Vuba mu gihugu ca Tanzania .

Jean De Dieu MUTABAZI akaba arumwe mubari batumiwe mwiyugurura ry’ibiganiro kuwa 28 kigarama 2015 i Kampala .

Tubibutse ko urunani COPA rusanzwe rurimwo imigabwe atari mike aho twovuga nka: PRP ; PIEBU ; FROLINA ; RPB , PMP na  RADEBU.

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply