Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukobwa wo muri Thailand ,yakoze igikorwa cerekana urukundo yarakunda uwo bari barasezeranye ko bazobana ,inyuma yaho uwo musore bari barasezeranye ko bazobana yitabiye Imana giturumbuka.

Naho ibi vyashitse ,uwo bari barasezeranye ko bazobana nk’umugore n’umugabo akitaba Imana giturumbuka ,uyu mwigeme ntiyigeze acika intege ahubwo yiyemeje kuragana nuwo yari yaremereye kubera umugore kumusi wiwe wo kumushingura.

Nkuko amakuru ava murico gihugu ca Thailand kimwe mubisanzwe biherereye muri contina ya Asia ,yamenyesheje ko uyu musore yapfuye giturumbuka afashwe n’ingwara y’umutima,kandi atanikimenyetso ciyo ngwara yarasanganwe imbere yo kwitaba Imana.

Nan Thippharat ari nawe mwigeme yari yarasezeraniye uyu musore kubana nawe ibihe vyose ,yafashe akanya acisha ubutumwa bwiwe kurukuta rw’iwe ngurukana bumenyi rwa Facebook ,ayo yamenyesheje ko ahejeje gukora ubugeni n’uwahora ari umukunzi wiwe kandi yamaze gucikana.

bishasha.com

Nan Thippharat yatangaje abantu benshi na cane cane abo mu ntara asanzwe avukamwo ariyo ya Chachoengsao ,ndetse abenshi bakaba bamusaba ukwihangana kubera kubura umukunzi wiwe giturumbuka ,mugihe abandi bemeje ko yamukunda vyukuri ataruhendo rurimwo.

Mumajambo ya Nan Thippharat yavuze ahejeje kwambika impeta uyu musore yagize ati”I dreamed of our wedding. I saw us holding hands. Rest in peace. I love you, Fiat. Please know that our dream has come true. It was my way of paying tribute to him in this life because I know one day we will be together for eternity in the next one. I loved him with all my heart and I couldn’t bear it when he was taken from me. He looked splendid on his wedding day, I know he would have liked it ”

Tugerageje gushira mukirundi yagize ngo”Narose ubukwe bwacu ,nabonye twese dufatanye ukuboko kukundi .Iruhukira amahoro .Ndagukunda Fiat(izina ryuwo musore)
Menya ko indoto zacu zibaye ukuri ,bwaribwo buryo bwanje bwo kugusezera murubu buzima kuko nzi ko umusi umwe tuzokongera kuba hamwe tukabaho ubuzima bw’ibihe vyose . Namukunze n’umutima wanje wose ,vyananiye kwemera no gutahura ko dutandukanye. Yasa neza kuruyu musi w’ubugeni ,ndazi ko yari kuvyishimira”

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply