Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imboneshakure(television) yo mu Bufaransa yari yerekanye amasanamu ya Video yahawe n’umushingwamanza Me Bernard Maingain  ,vyavugwa ko yoba yafatiwe mu gihugu c’uBurundi mu Ntara ya Karusi ,yamaze kwemera amakosa yakoze isabira ikigongwe ivyo yari yarakoze.

Inyuma y’imisi ibiri iyi mboneshakure (television )iriko irakora amatohoza yemeye ko ivyo yashikirije kumusi wa gatanu mukiganiro “soir 3” ko yari amakosa .

Bishikirizwa na Francis Letellier mukiganiro ca Soir 3 c’uyumusi yatanguye asaba imbabazi kubasanzwe bakurukirana ico kiganiro nabakunzi biyo mboneshakure muri rusangi.

>>>Francis Letellier yagize ati:L’authentification des images est en cours. Il apparaît que la vidéo est plus ancienne et qu’elle aurait été tournée dans un pays de l’Afrique de l’Ouest et non au Burundi. Nous vous prions évidemment de bien vouloir accepter nos excuses”

Ibi bikaba bibaye inyuma yaho reta y’uBurundi imenyeshereje ko itegerezwa kwitwarira iyi Mboneshakure hamwe numushingwamanza Me Bernard Maingain yatanze ayo masanamu.

Kuruhande rwa Reta y’uBurundi akaba ataco barashikiriza ,kuvyerekeye izo mbabazi zasabwe na France3 ,nimba babagirira imbabazi nkuko babisavye.

Umviriza musi mu majwi uko Francis Letellier yabishikirije

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply