Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika vyari vyakoranye mu nama igira iya 26 y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango w’ubumwe bwa Afrika muntumbero yo kwiga ku kibazo c’iterabwoba riba muri Sudan hamwe nirungikwa ry’abasirikare mvamakungu mu Burundi,iyi nama isa naho yaheze ku ngingo iha ubutegetsi bw’uBurundi ico yipfuza kuko irungikwa ry’abasirikare ibihumbi 5000 mpuzamakungu ryase gushirwa mu Ngiro

Naho iyi ngingo yamaze gutangazwa ko aba basirikare ba MAPROBU bangana ibihumbi 5000 bidakenewe ko barungikwa mu Burundi ,amakuru abandanya ava mubari muriyo nama y’abakuru bibihugu yemeza ko hari ibihugu vy’ibihangange muri Africa vyatumye iyi ngingo izibirwa naho bamwe mu bakuru b’ibihugu bipfuza ko izo ngabo zorungikwa mu Burundi.

Africa union

Nkuko tubikesha ikinyamakuru co mu Bwongereza cari muvyariko birakurikiraniro hafi iyo nama  ,iyi ngingo y’abasirikare mvamakungu yoba ahanini yazibiwe n’ibihugu bibiri bisanzwe bifise ijambo rikomeye muri Africa.

Igihugu ca Tanzania  hamwe n’igihugu c’Afrika yepfo nivyo ahanini vyazibiye iyi ngingo y’irungikwa ry’abasirikare ba MAPROBU mu Burundi

Nkuko vyanditse n’iki kinyamakuru Reuters cemeje ko ,ibi bihugu bibiri  arivyo vyabaye inkwezi y’amarere kugira iri rungikwa ry’abasirikare ba MAPROBU mu Burundi ntiryemerwe,mugihe bamwe mu bakuru b’ibihugu bari bashaka gushira mungiro iyo ngingo.

Nkuko bibandanya bivugwa nico kinyamakuru ,kuribi bihugu bibiri hiyongerako ikindi gihugu ca Gambia kirongowe na Yahya Jammeh ,umwe mubakuru b’ibihugu afatwa nk’umukuru w’igihugu atwaza igikenye n’terabwoba ,uyu wewe ngo akaba yahagurutse yiyamiriza iyi ngingo yo kurungika abasirikare ba MAPROBU mu Burundi kuko kuriwe asanga ari ugushaka kuvogera ubwigenge bw’ikindi  gihugu kandi carikukiye.

Source yiyi nkuru:http://af.reuters.com/article/topNews/idAFKCN0V906G?pageNumber=2&virtualBrandChannel=0&sp=true


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply