Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igihugu ca Tanzania cabaye igihugu cambere mu karere ka Africa y’ubuseruko gitangura gukora indege za kajugujugu kuruhande rwabo batarinze gutumako abanyamahanga canke abandi bantu mvamakungu.

Iyi ndege igiye gukorwa muri Tanzania ni ndege ya Kajugujugu aho yatanguye guterenirizwa mu gihugu ca Tanzania mu gisagara ca Arusha .

Uwuserukira umugambi  wa Chopper ATC  ari nawo wihaye gukora iyo  ndege yamenyesheje ko iyo ndege izoba ariyambere ikorewe ngaho mur’ico gihugu ca Tanzania kandi ko azoba ari indege izoshobora kugurwa n’abantu basanzwe atari reta.

205

Kuruhande rwowo ry’Umunyamabanga mukuru wumushikiranganji w’indero hamwe n’ubuhinga bwa none bwana Maimuna Tarishi nawe akaba yamenyesheje ko ari intabwe idasanzwe igihugu cabo kizoba kigezeko aca anagirako amenyesha ko iyo ndege ishobora kuja kumugaragaro mu mwaka wa 2018.


Categories: Muhira

Leave a Reply