Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Imigambwe izogira uruhara mu
matora yo kuri uyu w’Imana
iraraheza  kwiyamamaza kuri uyu
mugoroba nk’uko bitegekanyijwe
mw’ibwirizwa rigenga amatora muri
ico gihugu.


Kuri uyu munsi wa nyuma wo
kwiyamamaza, umugambwe uri ku
butegetsi CCM, wari mu gisagara ca
Mwanza, aho John Pombe Magufuri,
azitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu,
yemereye ko agiye guteza imbere
uburezi ku buryo abanyeshure
batazosubira kuriha amahera gushika
bahejeje amashure yisumbuye.
Yiyemeje kandi kurwanya igiturire no
gukoresha neza itunga ry’igihugu. Aha
CCM ikaba yavuze ko ngo ‘abahora barya
igiturire’ muri uwo mugambwe biyomoye
bonyene.


Ku ruhande rw’urunani UKAWA,
ruserukiwe n’uwahoze ari
Umushikiranganji wa Mbere
n’umuyoboke wa CCM, Edward Lowasa,
na bo nyene mu myiyamamazo bagize
kuri uyu wa Gatandatu mu gisagara ca
Dar Es Salaam, bashize imbere kuzamura
imbere uburezi. Bwana Lowasa avuga
kandi ko azorwanya ubukene akoresheje
ikoreshwa neza ry’itunga kama ry’ico
gihugu.


Yagirije umugambwe yahozemwo wa
CCM, ko inyuma y’imyaka 70 uri ku
butegetsi, wananiwe guteza imbere
abanyagihugu. Edwards Lowasa kandi,
akaba yiyemeje kurwanya igiturire.
Abantu barenga imilioni 23 ni bo
bitegekanijwe ko bazitaba amatora yo
kuri uyu w’Imana, ku biro vy’amatora
birenga ibihumbi bitandatu n’amajana
atanu (6.500).


Amatora y’uyu mwaka abonwa
nk’atandukanye n’ayabanje kubera
inguvu zimigambwe itavuga rumwe na
Leta.


Categories: Amakuru, Politic

Leave a Reply