Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wa kane igenekerezo rya 28 nzero urunani CNARED rwatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru basanzwe bakorera mugihugu c’uBubirigi ,mukibanza  iyo nama yuru runani CNARED yabereye.

Nkuko amakuru ava ngaho habereye ico kiganiro urwo runani rwahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru,abimenyesha,amenyesha  ko abasanzwe bafatwa nk’ibihangangange murugwo runani rwa CNARED nka bose uhereye kumurongozi wabo hamwe n’ivyegere vyiwe bose  bari bahishikiye kugira bigire hamwe ukungene urunani rwabo rwobandanya rwigenza muribi bihe bitoroshe uBurundi burimwo.

Mubari bashoboye gushika murico kibanza hakaba habonetsemwo umushingantahe Leonard Nyangoma asanzwe arongoye urunani CNARED ,Alex Sinduhije asanzwe arongoye umugabwe MSD,Pie Ntavyohanyuma yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka ,Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu hamwe na Pangarasi Cimpaye asanzwe ari umuvugizi wurwo runani.

Leonard Nyangoma kw'ifoto

Leonard Nyangoma kw’ifoto

Mw’ijambo rya Leonard Nyangoma atwara urwo runani CNARED yasavye ashimitse ubumwe bwa Africa gufatira ingingo zishoboka zose Petero Nkurunziza  kugira arekure ubutegetsi yihaye kunguvu.

Nyangoma yabandanije amenyesha ko mugihe amakungu yonanirwa no gukingira abanyagihugu, kw’abanyagihugu bo nyene ubwabo bazohaguruka bakaza barikingira kuko umukuru w’igihugu yamaze kwerekana kwatakindi ashaka atari intambara.

kw'ifoto ,Sinduhije Alex,Pie Ntavyohanyuma,Gervais Rufyikiri

kw’ifoto ,Sinduhije Alex,Pie Ntavyohanyuma,Gervais Rufyikiri

Leonard Nyangoma yabandanije asaba ko hoba ibiganiro vyihuta bidakumira numwe ndetse bikabera hanzwe y’uburundi hama hagakogwa intwaro mfata kibanza ariko muriyo ntwaro mfata kibanza ikaba Petero Nkurunziza atarimwo hama bakabona gutegura amatora hanyuma,ariko nkurunziza atarimwo.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply