Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu marushanwa ya Africa Music Awards yo mu mwaka wa 2016,umuririmvyi w’umurundi benshi batazira Sat B yanamenyekanye cane mu Ndirimbo nka Satura ama bafle hamwe n’izindi nyishi zitandukanye yasizwe hamwe n’ibindi bihangange mu muziki wa Africa kugira barwanire agashimwe ka Africa Music Awards ko mu mwaka wa 2016.

Abdoul Karum azwi nka Sat B yasizwe hamwe n’ibindi bihangange vyinshi mu muziki wa Afrika bava mu bihugu bitandukanye ariko mu gice barimwo ca “Most promising Artist”,uyu muririmvyi niwe wenyene yabonetsemwo w’umurundi hamwe na Butera Knowless ava mu Rwanda mu baririmvyi bava muri  Afrika y’ubuseruka.

14203205_1774048346170602_2767954229109582546_n

Sat B rero akaba yashoboye kuja muraya mahiganwa kubera uriririmbo rwiwe aheruka gukora ndetse akanarushirira amashusho hanze arigwo “Nyampinga”mugihe Butera Knowless yagiye murugwo rutonde kubera indirimbo yiwe yitwa “Konashize”

Sat B rero abicishije kurukuta rwiwe rw’ingurukana bumenyi rwa Facebook akaba yasavye abakunzi biwe hamwe n’abakunzi b’umuziki w’uBurundi kumushigikira kugira ashobore gutahukana ako gashimwe ka Africa Music Awards.

Mu misi ikurikira tukaba tuzobamenyesha ingene mushobora gutora umuririmvyi Sat B mubicishije kubuhinga ngurukana bumenyi.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu bitakugoye


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Umuziki

Leave a Reply