Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko yaheruka kuvyemerera abakunzi b’umuziki wiwe hame n’abakunzi b’umuziki w’uBurundi muri Rusangi ,umuririmvyi SAT B yashikanye amasezerano yari yemeye ashira hanze amasanamu hamwe ‘amajwi y’ururirimbo rwiwe rwanyuma rw’umwaka wa 2017 .

Uru ruririmbo rushasha rwa SAT B rukaba rwaje rwitwa “FEEL LOVE “akaba ari ururirimbo yitondeye cane kuko rwakozwe n’abahinyanyuzi babiri bo mu bihugu 2 bitandukanye aho rwakozwe  na Kolly Da Magic  asazwe akorera mu gisagara ca Bujumbura hamwe na Nessim asanzwe akorera mu gisagara ca Kampala mu gihugu ca Uganda.

Kurundi ruhande rujanye n’amasanamu ,uru ruririmbo rwa Sab B rukaba rwakozwe n’umuhinga muvyo gukora amasanamu sanzwe azwi nka  Sasha Vybz nawe akaba asanzwe ari umuganda ndetse akaba amaze kuronka ubushimwe butari buke mu bijanye no gukora amasanamu muri Africa.

Raba ngaho musi amasanamu y’ururirimbo rushasha rwa SAT B “FEEL LOVE”

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kuri Facebook bitakugoye


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply