Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Bishasha.com n’ikimenyesha makuru gisanzwe gikukira murunani rwitwa BURUNDI FREE MEDIA (BFM),ikimenyesha makuru Bishasha.com  kikaba cashizwe inyuma yo gusanga hari vyinshi vyerengagizwa mugihugu cacu kuko vyinshi mubimenyesha makuru usanga bifise ba nkunzi ,aho usanga bitonesha bamwe canke bigaha ijambo bamwe abandi bakibagirwa.

Bishasha.com ikunda gukora kubuzima bwa benshi na cane cane ko ivyo twandika tudakunda guhengamira kuruhande uru canke ruriya. Dukunda gushikiriza abadukurikira ibisanzwe biriko biraba mugihugu cacu ndetse no muri rusangi kw’isi yose .

Bishasha.com ikunda kwandika amakuru kubuzima  bwa misi yose ,amakuru yacu yisunga ibintu vyose kuko tuzi kwabadukurikira baba basanzwe bafise ukunezwa hamwe nugukunda bitandukanye.

Ari nayo mpamvu nyene ikinyamakuru cacu arico rwanyu Bishasha.com cafashe ingingo yo kubaha amakuru yose agezweho m’ubisata bitandukanye,Ikinyamakuru cacu gisanzwe gitanga inkuru zijanye n’ubuhinga,umuziki,politike,urukundo,inkino,n’ibindi vyinshi bitabdukanye.

Bishasha.com  yashinzwe kugira ibe ijisho hamwe n’umuvugizi wuwo wese yibagiwe

Bishasha.com   yashinzwe kugira ivuge ubwo bwiza bw’uburundi bwibagiwe

Bishasha.com  yashinzwe kugira imenyekanishe   wamuririmvyi yibagiwe

Bishasha.com  yashinzwe kugira ibe umuvugizi canke urumuri rw’uwo wese yibagiwe.

Bishasha.com kikaba  ari  kimwe mubimenyesha makuru vyandika amakuru agezweho mugihugu c’uburundi kandi kiri muri bimwe bironka abasomyi benshi  kumusi ,Ikinyamakuru Bishasha.com kiri mubinyamakuru bironka abasomyi benshi kukwezi kuko kironka abasomyi barenga 25.000 kukwezi.
Bishasha.com kubanyu!!!