Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Naho intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu zamaze kuva mu Burundi ,uwarabarongoye atanakimwe ashikirije abanditsi n’abamenyesha makuru,bamwe murizo ntumwa zari zishikiye iBujumbura zibandanya zerekana aho zihagaze kucokorwa mu Burundi kugira umutekano ugaruke.

Nkuko vyashikirijwe n’uwusanzwe aserukira igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika mu nama nkuru y’umutekano kw’isi (ONU)umupfasoni Samantha Power yamenyesheje ko inyuma yo kubonana na Petero Nkurunziza aramutswa uBurundi ko batanyuzwe n’insiguro yabahaye kuvyerekeye ibihe uBurundi burimwo.

Samantha Power yongeye kwibutsa ko isi yose muri rusangi itewe umutima uhagaze n’ibiriko birabera mu Burundi ndetse ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira amahoro n’umutekano vigaruke mu Burundi.

Kubwa Ambassador Samantha Power aserukira reta zunze ubumwe bwa Amerika mu nama nkuru y’umutekano kw’isi asanga uburundi butegerezwa kwemera umuzo w’abasirikare mpuza makungu kuza kugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi kuko vyoba biri kunyungu z’uBurundi.

Abazwa n’ikinyamakuru Reuters Africa ,Samantha Power yongeye kumenyesha ko igihugu ciwe gushigikiye cane umuzo w’ingabo za MAPROBU mu Burundi kugira zicungere umutekano w’abanyagihugu birigwa baricwa.

Iki ciyumviro ca Samantha Power ninaco kandi yongeye gushikiriza mugihe inama y’ubumwe bw’ibihugu vya Africa yari yakoraniye i Addis Ababa  muri Ethiopia inyuma yo kuva mu Burundi.

Samantha Power yemeje ko icankenerwa ari ukurungika abasirikare Mpuzamakungu mu Burundi

Samantha Power yemeje ko icankenerwa ari ukurungika abasirikare Mpuzamakungu mu Burundi

Nubwo bimezuko mugenziwe Petr Iliichev yari murizo ntumwa ndetse asanzwe aserukira igihugu ca Russia mu nama nkuru y’umutekano kw’isi wewe suko abibona kuko wewe asanga igihugu c’uBurundi kidakeneye abasirikare mvamakungu .

Aganira n’ikinyamakuru Reuters yamenyesheje ko icihutirwa igihugu c’uBurundi gikeneye atari abasirikare mpuzamakungu ,ahubwo ko gikeneye umurwi woza gufasha abapolisi mu vyerekeye ubumenyi no kubigisha ubuhinga bukwiriye bwo gukingira abanyagihugu.

2

Tubibutse ko ibi bihugu ukwari bibiri bitigeze bivuga rumwe numusi warimwe kukibazo c’uBurundi kuva izi ryane mu vyapolitike zatangura ,ibi bihugu ukwari bibiri bisanzwe binarabana ayingwe mukanama gakuru kajejwe umutekano kw’isi (ONU)

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply