Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Saido Berahino umwe mubakinyi bafise inkomoko y’uBurundi  asanzwe akinira ikipe ya WEST BROMWICH yo mubwongereza yo mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa Premier League ,yongeye gufasha umugwi wiwe, anabatsindira ibitsindo bibiri wenyene.

Murukino rwariko rurahuza umurwi wa WEST BROMWICH hamwe na  PETERBOROUGH mugice cakane c’inkono za FA cup ,umukinyi Saido Berahino yafashije bimwe bikomeye ikipe yiwe gutsinda ibitsindo bibiri wenyene murugwo rukino bituma ikipe yiwe ishobora kunganya nuwo murwi wa PETERBOROUGH.

Saido Berahino

Saido Berahino yari yaje yakenyereye urwo rukino ,aza gutsinda ibi bitsindo vyiwe kumunota wa 14 w;igice c’ambere mugihe ikindi yakibonye kumunota wa 84 w’igice ca kabiri ,nayo Saido Berahino yari asa nuwahaye intsinzi ikipe yiwe ,abakinyi binyuma bumurwi wiwe ntibashoboye kuvyifatamwo neza ,ibi bikaba vyaciye bituma iyi mirwi yose iheza uru rukino inganya ibitsindo bibiri kubindi(2-2).

Kwinziza ubutsindo muriyi misi bisa naho biguma vyongerera amahigwe uyu mukinyi yo kuguma aronderwa n’imigwi myishi yo mu bwongereza niraburya amakipe asanzwe akomakomeye amaze imisi arondera cane uyu musore ,aho twovuga nka Chelsea hamwe Manchester United n’izindi zisanzwe zibarizwa mucicaro c’ambere mu bwongereza.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply