Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushingamateka yatowe mu Ntara ya Ngozi akaba n’icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshinga mateka yavuye mugacerere amenyesha kmugaragaro ko hoba hari umugambi wo gushaka kumugandagura.

Aya majambo Rwasa Agathon yayatangaje inyuma yaho aviriye mu nama yakazi mugihugu ca Namibia aho abantu benshi bagumye bibaza ibintu vyinshi bivuye kukungene abasanzwe bamucungera bari baje kumwakira barikanuye banambaye n’ibikoho bikomakomeye hamwe namwe ubwiwe nyene bikanaboneka kumengo ntatekanye kubera yabonetse ariko ariruka mugihe yarakiva mu Ndege.

Mu kiganiro gito cane bwana Agathon Rwasa yagiranye n’iradiyo y’abadagi muraka gatondo k’igenekerezo rya 20 ruheshi 2016 ,umushingamateka Agathon Rwasa yashikirije amakenga afise kubimaze imisi bivugwa kwashaka gugandagugwa ndetse anemeza ko ugushaka kumuzimanganiriza ubuzima atari agaseseswa rumuri .

Mubo Agatho Rwasa yatunze agatoke harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu aho amwagiriza gushaka gupfunga abanwanyi biwe hamwe no kumwagiriza kuba inyuma yabashaka kumuhunganiriza umutekano.

Umviriza Agathon Rwasa mu majwi ngaho musi

Soma niyi nkuru :Inyuma yo gutangura kunungwanugwa kwashobora kugandagurwa abacungera Rwasa Agathon ijisho risigaye ari rugwe


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply