Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihugu  kibanyi c’uRwanda umutekano waraye uhungabanye kumusozi wa Ndera usanzwe wegereye kumugwa mukuru w’igihugu c’uRwanda.

Nkuko amakuru ava ngaho abimenyesha ,mwijoro ryo kuwambere itariki 1 ruhuhuma 2016 ,mumasaha y’ijoro agana sasita hiyadukije abantu bitwaje imipanga baja mubanyagihugu baratemagura bakoresheje iyo mipanga .

Aba bateye murico gice ca Ndera ntanumwe arashobora kubamenya canke ngo habe abemanga ico gitero c’abantu bitwaje imipanga.

FotorCreated

Naho bimezuko inzego zijejwe umutekano z’uRwanda ntizihuriza kurabo bateye muri gice kuko kuruhande rw’igipolisi bobo bemeza ko ari abasuma mugihe kuruhande rw’igisirikare bo bemeza kwari abansi bigihugu bakoze ico gikorwa co gutemagura abantu.

Inyuma yiki gitero c’abantu bitwaje imipanga ,Ndanga Patrice ,umunyamabanga w’ibikorwa mu gice ca  Ndera akaba yamenyesheje ko abo bateye bakomerekeje abashika icenda(9) ,ariko kwabakomeretse baciye banyarukanwa kw’ivuriro ry’Indera kuvurigwaho.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply