Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wakabiri igenekerezo rya 05 nzero 2016 mu masaha y’umugoroba agana nka sambiri z’ijoro (20h)imodoka isanzwe ifasha abagwayi yo muntara ya Cibitoke ca Rugombo yaguye mumutego wabantu bitwaje ibigwanisho kw’ibarabara RN5 .

Nkuko amakuru ava ngaho muri gihanga ahabereye ico gitero abivuga,iyi modoka ya  rusehabaniha (ambulance) yo kubitaro bikuru vy’intara ya Cibitoke yaguye mumutego w’abantu bari bitwaje ibigwanisho bicira umuriro ndetse bambaye n’impuzu z’igisoda .

1

Aya makuru nyene abandanya yemeza yuko mugihe abo bitwaje ibigwanisho bahagarika uwaratwaye iyo modoka,uyu mushoferi  yase guhagarara aca  ahitamwo kubandanya agenda ari nako guca nkozi zikibi zikurikiza amasasu  menshi cane ya modoka ndetse ayo masasu akaba yakomerekeje abari muriyo modoka,bari bajanwe kwa muganga ndetse hakaba hari umwe yakomeretse cane .

Iyi ruseha abaniha yo muntara ya Cibitoke ikaba yaritwaye abana bagera kuri 5 bari bagize ikibazo co kubura amaraso kuko kubitaro bikuru vy’intara ya Cibitoke amaraso yari yakenye ari nako guca bashaka kubanyarukana iBujumbura kugira babafashe.

Inyuma yamasasu menshi murico gice ca Gihanga ,abajejwe umutekano bihuse kuja kuraba ibibaye murico gice ariko ngo bakaba basanze abo bagizi ba nabi bamaze kuva murico kibanza.


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply