Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Rufyiri Gabriel ari muri bamwe baharanira ikingigwa ry’itunga  ry’igihugu  akaba ari nawe asanzwe arongoye imbere y’amategeko ishirahamwe  Olucome (‘Observatoire de lutte contre la corruption et les malversations économiques) ryiyemeje kurwanya isesagurwa ry’ubutunzi bwa reta hamwe no kurwanya abanyabiturire mu Burundi ,yamenyesheje amwe mu mafaranga yanyururijwe mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Nkuko vyiganwa na Rufyiri Gabriel ,uyu mushingantahe yemeza neza ko amafaranga angana nama milliard arenga atatu yamahera yamarundi yatanzwe n’amashirahamwe yashaka kuza kwimba amabuye yagaciro mu Burundi kugira ashobore kwemeregwa ndetse ahabwe uruhusha rwo kuza kwimba ayo mabuye yagaciro.

Nkuko Rufyiri Gabriel yabandanije abimenyesha ,aya mashirahamwe yose hamwe agera kumashirahamwe atanu(5) ,uyu mugabo arongoye Olucome akaba yamenyesheje ko amahera agera kuri 3.680.000.000Fbu ariyo yarishwe naya mashirahamwe mpuzamakungu kugira aronke uruhusha rwo kuza kwimba amabuye yagaciro mu Burundi.

1

Umviriza musi amajwi ya Rufyiri Gabriel  asigura neza ingene aya mahera yatanzwe naya mashirahamwe mu biro vy’umukuru w’igihugu.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply