Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 71 yamavuko Robert Powell arasaba ashimitse abantu bose bafise ishusho yiwe mu mazu hamwe no mu masengero kureka kumusenga kuko atari Yesu nkuko benshi bavyiyumvira canke bavyemera.

Robert Powell niwe yabaye umukinyi w’ireresi (film)wambere yerekana ubuzima YESU yagiye acamwo mugihe yari ngaha kw’isi,iyi film akaba yayikinye mu mwaka wa 1977 mugihe yarafise imyaka 33 gusa yamavuko .Robert Powell kuva akinye iyo reresi (film)yerekana ubuzima bwa Yesu ,abantu batanguye kumwita Yesu abandi batangura kugurisha amashusho yisura yiwe abandi bagashira amashusho yisura yiwe munzi ndetse bakaza barayisenga nkuko benshi basanzwe babikora.

Robert Powell kw'ifoto

Robert Powell kw’ifoto

Kugeza rero Robert Powell asa nuwumaze kugera muzabukuru ariko kuriwe akaba ngo yumva ahangayikishijwe cane nabantu gushika niyi saha bataratahura kwatari Yesu vyukuru .

Robert Powell yagize ati:”Jewe ubwanje ntakambira YESU ngo ankize ,mbohoke kuko ndumuja w’itabi hamwe n’inzoga  kuva nkiri muto kuko vyananiye guheba.Ubwanje mwirigwa murunamira musaba ndirira Yesu w’ukuri none mwebwe mundirira gute kandi twese turi abanyavyaha,ari Yesu wenyene ategerezwa kudukiza akanatubabarira ivyaha vyacu”

Robert Powell  yabandanije agira ati “Jewe nakinye irya film kugira menyekane nongere nironkere amafaranga ambeshaho .sinashaka no gutanga ubutumwa kw’isi kuko iyo yari intumbero yabateguye iyo film nariko nkorera.jewe nakinye ivyo babwiye nkina nivyo banyeretse.

Robert Powell akaba yemeza neza kwatari Yesu Ndetse ,uyu mu mwaka wa 2013 akaba yavugiye kurimwe mu ma Television ukuntu inzoga n’itabi vyamutwaye.

Raba Video ya Robert Powell ariko aravuga ukungene inzoga zamutwaye

.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Urukundo

Leave a Reply