Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Munama yabakuru b’ibihugu bakomoka muri Africa bashika kuri 41 ,bari batumiwemwo na mugenzi wabo Nerrinda Modi asanzwe ari n’umushikiranjani wambere w’igihugu c’uBuhinde mugisagara gikuru NewDelhi ,muntumbero yo gukomeza imibano hamwe n’ugufashanya hagati ya Africa yose n’ubuhinde ,bwana Nerrinda Modi yari yatumyeko iyo nama yavuganye n’abakuru bibihugu bose ndetse anavugana nabandi bari baje baserukiye abakuru b’ibihugu kukungene bogira imigenderanire ikomeye n’ibihugu vya Africa yose muri rusangi.

 

Inyuma yo gukora iyo nama bwa Nerrinda Modi asanzwe ari n’umushikiranjani wambere w’igihugu c’uBuhinde  yasavye bengeziwe ko boja gufata ifunguro ,ariko abasaba kandi ko bokwambara imyambaro yari yabateguriye ,iyo nayo akaba zari impuzu zisanzwe zerekana muco w’igihugu c’ubuhinde ,ndetse zikaba zari impuzu ziri muri zimwe uwo Nerrinda Modi asanzwe ari n’umushikiranjani wambere w’igihugu c’uBuhinde  akunda kwambara.

 

Abo bakuru bibihugu bose uko ari 40 bose bashimye ico mugenzi wabo yarabasavye ,baza kwambara uwo mwambaro ndetse benshi babikora babinezerewe ariko kuruhande rwa Robert Mugabe asanzwe atwara igihugu ca Zimbabwe yarahiye ararengwa rwadashobora gukoza kumubiri wiwe uwo mwambaro.

 

Mugihe abandi bakuru bibihugu hamwe n’abaserukiye ibihugu vyabo bari banezerejwe n’uwo mwambaro kuruhande rwa Robert Mugabe wewe ntiyigeze awukoza kumubiri wiwe

Umukuru w’igihugu ca Kenya hamwe n’uwari yaserukiye uBurundi bari banezerejwe n’uwo mwambaro

Bishasha.com 12189809_978414225558213_3508407505909237578_n

Abakuru bibihugu hamwe nabaserukiye ibihugu vyabo bose babaonetse bambaye uwo mwambaro bari bahawe na Nerrinda Modi ariko Mugabe wewe aboneka yambaye impuzu zisanzwe

Ifoto yabo bategetsi bose bambaye umwambaro bari bahawe na mugenzi wabo Nerrinda Modi

bishasha.com

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Leave a Reply