Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Linda Thomas-Greenfield icegera c’umunyamabanga mukuru ajejwe ikibazo za Africa kuruhande rwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika yongeye kwagiriza igihugu c’uRwanda kuba kiriko kirakora ibishoboka vyose ngo gitere umudurumbanyo mu gihugu c’uBurundi.

Mu nama nkenguza mateka ya Reta zunze ubumwe bwa Amerika ari mbere y’a Komisiyo ijejwe ibibazo vy’ imibano nayandi makungu ya Reta zunze ubumwe bwa Amerika hamwe, Linda Thomas-Greenfield yagirije igihugu c’uRwanda aho yamenyesheje ko Reta y’uRwanda iriko irahiga ingene yohungabanya umutekano mu Burundi.

2 Linda Thomas-Greenfield

Linda Thomas-Greenfield kw’ifoto

Linda Thomas-Greenfield akaba yabandanije amenyesha ko ico gikorwa bariko baragikora mu guha imyimenyerezo ya Gisirikare zimwe mu mpunzi z’abarundi bahungiye mu Rwanda mw’ikambi ya Muhama kugira bakore igisirikare kizoze gukura Petero Nkurunziza.

Ibi  Linda Thomas-Greenfield abivuze inyuma y’ivyegeranyo vyinshi vyamashirahamwe mpunza makungu vyagiye birasohoka vyagiriza Reta y’uRwanda kuba iriko iraha imyimenyerezo ya Gisirikare zimwe mu mpunzi ziri mu Rwanda kugira bazoze kurwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Leave a Reply