Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Babicishije kubuserukizi bwabo buri mu gisagara ca Bujumbura ,Reta zunze ubumwe za Amerika zongeye kubuza abanyagihugu babo guhonyoza ikirenge mu Burundi.

Mubisanzwe iri tegeko ryari ryasohotse igenekerezo rya 11 ntwarante umwaka wa 2016 ,aho ico gihugu casaba abanyagihugu baco kutarota bahonyoza ikirenge cabo mu gihugu c’uBurundi kubera umutekano muke waharangwa ,ariko kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 15/munyonyo 2016,iki gihugu nyene congeye kubuza abanyagihugu baco guhonyora mu Burundi naho  bavuga ko mu Burundi na cane cane muri Bujumbura hakirangwa   umutekano muke.

Mw’itangazo biboneka ko ryongeye kuvugurugwa uyu musi kuwa 15/11/2016 ,reta zunze ubumwe za Amerika zasavye abanyagihugu babo kudahirahira ngo bahonyoze ikirenge mu Burundi.

Muvyo Reta zunze ubumwe za Amerika yasize imbere kugira ifate iyo ngingo ,harimwo kuba mugisagara ca Bujumbura hirigwa havuga inkoho ,hamwe n’ama grenade ndetse hakaba hari nimirwi yitwaje ibigwanisho yirigwa iratega imitego imiduga y’abategetsi.

Reta zunze ubumwe za Amerika zikaba zabandanije zinasaba abanyagihugu babo bari kubutaka bw’uBurundi kutaja muri zimwe mu ma Quartier ari mu gisagara ca Bujumbura aho bavuze ama quartier nka :Cibitoke, Gasenyi, Kamenge, Kinama, Musaga, Mutakura, na Ngagara.

Isomere urwandiko rwa Reta zunze ubumwe za Amerika ngaho musi.

Burundi Travel Warning

LAST UPDATED: NOVEMBER 15, 2016

The Department of State warns U.S. citizens against travel to Burundi due to ongoing political tensions, armed violence, and the potential for civil unrest. 

This replaces the Travel Warning dated March 11, 2016.

Political violence persists throughout Burundi in the aftermath of the country’s contested elections, an attempted coup d’etat, and debate over the President’s eligibility for a third term. Gunfire and grenade attacks by armed groups occur frequently. Police and military checkpoints throughout the country can restrict freedom of movement. Police have searched the homes of private U.S. citizens as a part of larger weapons searches.

Incursions across the eastern Democratic Republic of Congo border by rebel forces, ex-combatants, and youth gangs have resulted in occasional violent clashes, attacks on civilians, and kidnappings.

Armed criminals ambush vehicles, particularly on the roads leading out of Bujumbura. U.S. Embassy personnel are subject to restrictions when travelling in certain areas of Burundi and may be subject to other constraints as security conditions warrant. U.S. Embassy personnel are prohibited from travelling outside of Bujumbura at night, and trips to the Bujumbura neighbourhoods of Cibitoke, Gasenyi, Kamenge, Kinama, Musaga, Mutakura, and Ngagara, require advance approval.

Fyonda ngaha ubandanye udukurikira kuri Facebook yacu

,


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply