Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika casavye abanyamerika bari mu Burundi ko bohava vyihuta.

Inyuma yaho mugisagara ca Bujumbura habereye ibitero mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu kigarama 2015 ,bikabera kumakambi 3 y’igisirikare ,munyuma hakaza kuboneka ibiziga vyinshi mugisagara ca Bujumbura ,abanyamerika baba mu Burundi basabwe kuva mu Burundi vyihutirwa.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vya Reta zunze ubumwe bwa Amerika ,rikongera rigashimangirwa n’umuserukizi w’ico gihugu ngaha mu Burundi ,umukenyezi Dawn M. Liberi asanzwe aserukira reta zunze ubumwe bwa Amerika mu Burundi ,bahamagariye abanyagihugu babo kuva vyihuta kubutaka bw’uBurundi.

Iri tangazo rya Reta zunze ubumwe bwa Amerika rikaba ryagiye ahabona kuruyu wamungu itariki 13 kigarama .

Iri tangazo rya Reta zunze ubumwe bwa Amerika rikaba rigiye ahabona inyuma yumusi umwe gusa ,hamenyekanye ko abantu barenga 87 baguye mu gitero cabereye kumakambi atatu iBujumbura ,aho ibiharuro vyemeza n’umuvugizi w’igisirikare c’uBurundi bwana Gaspard Baratuza avuga ko abagera kuri 79 mubari bateye bahasize uBuzima mugihe abandi bashika kuri 9 kuruhande rw’igisirikare baguye murico gitero.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply