Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko bitegekanijwe ko mw’iyinga riza uBurundi bubifashijwemwo n’abategetsi babwo butegerezwa kuja iBurayi kugira baje gusigura ibiriko birabera mu Burundi, bongere barabe ingingo yofatwa kugira iryane zimaze igihe mu burundi ingene zohera.

Reta ya Petero Nkurunziza ibicishije kumushikiranganji wayo w’ikigega ca Reta bwana Tabu Abdallah Manirakiza yandikiye mugenziwe w’ubumwe bwa Buraya Patrick Spirlet  amumenyesha  ko naho bamaze guhitamwo abazobaserukira muriyo nama  ,ataburyo bwo kubarungika bafise .

Raba musi ibaruwa Tabu Abdallah Manirakiza yandikiye mugenziwe

12313808_512723498910644_3784086172860834638_n

Inyuma yo kurungikira ibaruwa mugenziwe Patrick Spirlet  w’ubumwe bwa buraya amumenyesha ko ataburyo bafise ,mugenziwe yihuse kumwishura ,aca amumenyesha ko bazobafata mumugongo mukubaha intererano ingana n’amahera yamafaranga yamarundi angana n’imilioni 45 .

Iri niryo baruwa uwuserukira ubumwe bwa Buraya yarungikiye mugenziwe amwishura

12247854_512767028906291_7907561889861285727_o (1)

Abantu rero bakaba bari bibajije ko reta y’uBurundi woba wari umutego yoba yari yateze ubumwe bwa Buraya kugira ntibaze bitabe iyo nama bari batumweko kugira baje gusigura ibiriko birabera muBurundi.

Tubibutse reta y’uBurundi yamaze gushira ahabona urutonde rwabantu 18bazoserukira uBurundi murico kibazo ,ndetse murabo 26 hakazoba harimwo abashikiranganji 6 bari muri Reta .

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply