Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi RED Tabara ,usanzwe warafashe ibigwanisho kugira ukure umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hakoreshejwe inguvu wahamagariye abarundi kuwusanga ari benshi kugira bakore igisirikare gikomeye mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu babandanya bicwa n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

Iki ciyumviro cuyu murwi RED Tabara  casizwe ahabona inyuma yumusi umwe gusa  inama y’ibihugu bigize ubumwe bwa Africa ifatiye ingingo yo kwanka kurungika abasirikare bashika ibihumbi bitanu vya MAPROBU mu Burundi kugira baze gucungera abanyagihugu birigwa baragandagurwa na cane cane mu Gisagara ca Bujumbura.

Uyu murwi RED Tabara(Le mouvement de la Résistance pour un Etat de droit au Burundi)ukaba arumwe mumirwi imaze kwemanga icese ko yiyemeje gufata ibirwanisho kugira urwanye intwaro ya Petero Nkurunziza bongere bamukure kubutegetsi hakoreshejwe umuheto.

Uyu murwi ukaba unamenyesha ko watangajwe cane wongera ubabazwa n’ingingo y’ibihugu vy’ubumwe bwa Africa yo kwanka kurungika ingabo za MAPROBU mu Burundi ,kuko vyerekanye ko bititayeho umunyagihugu w’umurundi yirigwa araturatuzwa n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza.

Uyu murwi RED Tabara(Le mouvement de la Résistance pour un Etat de droit au Burundi) ukaba usanga atayindi nzira nimwe isigaye yotuma uBurundi bukira atari gufata umuheto bakarwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bwihaye kwica abanyagihugu no kubatoteza.

Uyu murwi RED Tabara(Le mouvement de la Résistance pour un Etat de droit au Burundi)ikaba isaba abarundi bose kuyifata mu mugongo hamwe no kuyifasha urugamba kugira bakure Nkurunziza Petero kubutegetsi.

Tubibutse ko Uyu murwi RED Tabara(Le mouvement de la Résistance pour un Etat de droit au Burundi) ikunda kuvuga ko ikorera ahanini ibikorwa vyayo mugisagara ca Bujumbura ndetse ko hari nibitero bimwe bimwe yagiye yemanga kwariyo yabigavye.

 

RED Tabara ikaba ikunze kwemera ko yatanye mu mitwe n'igipolisi ibicishije kuri Twitter

RED Tabara ikaba ikunze kwemera ko yatanye mu mitwe n’igipolisi ibicishije kuri Twitter

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Inkino, Muhira, Politic

Leave a Reply