Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe gito cane itombora hagati y’imirwi ine(4) rudende isigaye mw’ihiganwa  rya Champion League ribaye hakanamenyekana n’ingene iyo  mirwi izogenda ihura uko ari ine ,bamwe mu basanzwe bakurikiranira ivyumupira  w’amaguru hafi batanguye gukemanga ko umurwi wa Real Madrid woba wifashisha umukuru wawo,Perez Florentino mugutanga ibiturire mw’ishirahamwe rijejwe gutegura inkino za Champion League kugira babahuze  n’imirwi yoroshe.

Ibi bitanguye kwagirizwa umurwi wa Real Madrid inyuma yaho kuva mumatombora yo munkino z’igice c’umunani gishira icanyuma kuko ,uyu murwi wa Real Madrid wagiye uratombora imirwi bivugwa ko yoroshe .

Umukuru w'umurwi wa Real Madrid Florentino Perez

Umukuru w’umurwi wa Real Madrid Florentino Perez

Real Madrid ikaba yabanje gutombora mugice c’umunani gishira icanyuma umugwi wa Roma ,umurwi usanzwe wifashe nabi mw’ihiganwa ryo mugihugu c’uButariyano kuko uza kumwanya wa gatatu ukaba urushwa amanota menshi n’umurwi wambere.

Inyuma yaha ,umurwi wa Real Madrid waciye uja mugice ca kane gishira icanyuma aho waciye utombora uwundi murwi wo mubudagi nawo bivugwa ko ujegejega kuko uri mukibanza c’umunani n’amanota39 gusa mw’ihiganwa ryo mubudagi.

Icatumye ibi bitangura kwikekwa cane n’ingene uyu murwi wa Real Madrid  washoboye gutombora umurwi wa Manchester City murukino rwa kabiri rushira gwanyuma rwizo nkino ,aha abantu bose bakaba babona ko uyu murwi wa Machester city muriyo mirwi ine (Bayer ,Atletic Madrid ,Real Madrid na Machester city)kwariwo woba woroshe niraburya ariyo ncuro yambere yawo uzoba ugeze mugice ca kabiri gishira icanyuma.

Uko amakipe yatomboranye ngwazohure mugice cakabiri gishira icanyuma c'urukino rwa champion league

Uko amakipe yatomboranye ngwazohure mugice cakabiri gishira icanyuma c’urukino rwa champion league

Tubibutse ko umurwi wa Real Madrid ariwo uza imbere mu mirwi ifise ibikombe vyinshi muriryo higanwa rya Champion league kuko usanzwe ufise ibikombe bishika kuri 10.

fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru ya Bishasha.com kumwanya kumwanya

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply