Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Amakuru ava mugihugu kibanyi ca Repuburika iharanira Intwaro rusangi ya Congo amenyesha ko abarwanyi bashika kuri 36 bivugwa kwarabo kwa Alex Sinduhije hamwe na General Gode Froid Niyombare hamwe na Jean Minani ngo  bamaze gufatwa n’inzego zijejwe umutekano za Congo(RDC).

Nkuko vyashikirijwe nabajejwe inzego ziperereza za Congo (RDC) bamenyesheje ko muruku kwezi kw’icenda dusize inyuma mu mwaka wa 2015 ko abarwanyi 3 buhoze mumurwi wa M23 bafatiwe murico gihugu kandi ko murabo harimwouwitwa  Aldabert Rugamba uwahoze afise ipeta rya Capitaine mugisirikare c’uBurundi ndetse akaba ari muri bamwe mubakoranye na Sultan Makenga yahora atwara umugwi wa M23.

1

Uwundi musoda yafashwe yahora mugisirikare c’uBurundi ni captaine Claude Arakaza yafatiwe mwikambi y’impunzi iherereye mu Lusenda muri RDC ,uwo nawe akaba yafatanwe n’abandi bantu batatu babaganyi ndetse akaba yafashwe mugihe yaraje myiyo kambi y’impunzi guhiga abandi barwanyi boja kubafasha urugamba.

Inyuma yifatwa rya captaine Claude Arakaza yamenyesheje ko yatorotse uBurundi inyuma yo gushaka guhirika uButegetsi ndetse akaba yemeza ko yajanye na Colonel Jean Marie Ntirampemba hamwe n’abandi basirikare atari bake.

Inyuma yo guhatwa ibibazo kurabo bafashwe ,benshi muribo bemeje ko basanzwe bakorana n’umukuru w’umugabwe MSD bwana Alex Sinduhije hamwe na General GodeFroid Niyombare .

Inzego zijejwe iperereza za Congo RDC zabandanije zemeza ko inyuma yabo zafashe n’uwundi musirikare w’ipeta rya Colonel asanzwe azwi nka Colonel Maniriho Emmanuel ,uwo nawe akaba yiyemereye kwasanzwe akorana na Jean Minana ,umwe mubatavuga rumwe n’umugabwe uru kubutegetsi ,ndetse akaba yemeje ko umuhari wabo witwa :”Union des forces patriotiques révolutionnaires”

Aya makuru nyene abandanya avuga yuko aba basirikare basanzwe bagirira imyimenyerezo ya gisirikare mu Gihugu c’uRwanda mu mashamba ya Nyungwe hamwe na higitumu,ndetse ngo bakaba basanzwe bakorana n’ugwego rujejwe iperereza rw’uRwanda ,kandi akaba arigwo rubafasha gushika murico gihugu ca Congo baciye muruzi Rusizi.

Source y’iyi Nkuru:http://www.rfi.fr/afrique/20160105-infiltrations-rebelles-burundais-rdc-dixit-services-congolais?ns_campaign=reseaux_sociaux&ns_source=twitter&ns_mchannel=social&ns_linkname=editorial&aef_campaign_ref=partage_aef&aef_campaign_date=2016-01-05&dlvrit=1448817


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply