Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe amakungu hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yagumye asemerera kugira amaradiyo yapfunzwe yongere guhabwa akanya ngo ashikirize abanyagihugu ibiba biriko birabera mu Burundi,umurwi CNC(Conseil national de la communication ) wikubise   agashi  utanguza igikorwa co kugurura amwe mu maradiyo yari yagaritswe kuva mu mwaka uheze.

Ibi vyatangajwe n’umukuru w’urwego rujejwe gucungera ivyerekeye gutangaza amakuru mu Burundi CNC(Conseil national de la communication).

Nkuko biri mu cegeranyo basohoye cerekana ingene umugambi wo kwugurura bushasha ayo maradiyo uzokurikirana  CNC(Conseil national de la communication ) yatangaje ko kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 19 ruhuhuma haza gutanguzwa igikorwa co kuraba ingene ayo maradiyo yokwugururwa akongera agasamirana.

Urwandiko rwa

Urwandiko CNC(Conseil national de la communication ) yarungikiye Radio culture

Amakuru yo kwizera ava mu  rwego rujejwe gutungaza amakuru amenyesha ko zimwe mw’iradiyo zugawe harimwo nk’Isanganiro hamwe n’iradiyo Rema Fm ko zigira zisubire kwemererwa gusamirana kumugaragaro.

Kurundi ruhande hari ayandi maradiyo atarota yugurura ngo yongere gusamirana ,aho twovuga nka RPA yagiye iragirizwa cane guhungabanya umutekano w’igihugu .

Tubibutse ko izi radiyo zari zugawe mu kwezi kwa rusama inyuma yaho abashatse gutembagaza ubutegetsi bakoreshereje izo radiyo mugutangaza ko batembagaje ubutegetsi .


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply