Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca Philippine bwana Rodrigo Duterte yifatiye mugahanga mugenziwe w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika mukumutuka kwarumwana y’indaya(“fils de pute”)

Rodrigo Duterteyavuze aya majambo kuruyu wambere mugihe bwana Balack Obama yategura kugiriranira umubonano nawe kuru ya kabiri igenekerezo rya 6/9/2016 ,ibi rero bikaba vyaciye bituma bwana Balack Obama aca asivye umubonano yarasanzwe afitanye na Rodrigo Duterte kubera agasuzuguro bivugwa ko yoba yagiriwe.

Rodrigo Duterte yatutse ik gitutsi bwana Obama kubera reta zunze ubumwe za Amerika zisa nizishaka kwivanga mukibazo c’agateka kazina muntu mugihugu ca Philippine.

14264825_1245228068842566_135669144556288187_n

Tubibutse ko igihugu ca Philipine gisanzwe cakoronijwe (ancienne colonie américaine)na Amerika ndetse kikaba cari kimwe mubihugu vyo mubumanuko bwa Asia cari gisanzwe gifitaniye imigenderanire myiza  na Reta Zunze ubumwe za Amerika na cane cane ufatiye kungorane ico gihugu gsanzwe gifitanye na Chine.

Gusa ibi bikaba vyatanguye guhinduka kuva mukwezi kwa rusama aho  Rodrigo Duterte  agiriye kubutegetsi ,Rodrigo Duterte akaba rero asanzwe akunda kwifatira mugahanga abategetsi ba Reta zunze ubumwe bwa Amerika harimwo nabasanzwe baserukira ico gihugu muri Philippine ndetse no muri ONU.

Raba Video y’ingene Rodrigo Duterte yatutse bwana Obama ngaho musi

 

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu, Politic

Leave a Reply