Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihe umukuru w’igihugu wa Russia yakira abaserukizi b’ibihugu bishika kuri 19 mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire nivyo bihugu  n’igihugu asanzwe atwara,Vladimir Putin yagize ico atangaza ku Burundi na cane cane kubijanye n’imigambi y’iterambere igihugu ciwe gishaka kuza gukorera mu Burundi.

Bizimana Edward aserukira uBurundi mu gihugu ca Russia akaba ariwe yari muribi birori

Bizimana Eduard aserukira uBurundi mu gihugu ca Russia akaba ariwe yari muribi birori

Mw’ijambo yashikirje mu rurimi rw’ikirusiya ,bwana Vladimir Putin yamenyesheje ko imigenderanire y’uBurundi n’igihugu ca Russia yamye ari myiza kuva kera .

Vladimir Putin yabandanije amenyesha ko ibi bihugu vyose biriko birakora ibishoboka vyose kugira umugambi wo kwimba ubutunzi kamere buri musi y’ubutaka bw’uBurundi kugeze kuntabwe ishimishije.

Muvyo yavuze bigiye kwihutirwa kwimba mu Burundi harimwo  pétrole, gaz hamwe na mines.

Vladimir Putin akaba yanipfurije uBurundi ko bworonka amahoro n’umutekano kugira , imigambi y’iterambere ishikweko atankomanzi.

Umviriza ngaho musi ijambo rya Vladimir Putin akaba yarishikirije mururimi rw’iki russia ariko risubigwamwo mu congereza.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply