Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Neymar da Silva Santos Júnior,kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Bresil akaba n’umusatirizi adakorwako w’umurwi wa PSG (Paris Saint -Germain Fc) yarose ikarata itukura kuva yashika muruwo murwi wa PSG .

Murukino rwariko rurahuza umurwi wa Marseille ku kibuga cawo ca Stade Vélodrome ,umurwi wa PSG ntiwashoboye kwitwara neza nkuko warumaze imisi ubikora mw’ihiganwa Ligue 1 ryo murico gihugu c’uBufaransa ,ndetse umukinyi wabo bagenderako cane  Neymar da Silva Santos Júnior akaba yahawe ikarata itukura mu minota yanyuma y’urukino igihe yakorera ikosa mugenziwe wo mu murwi wa Marseille .

Neymar Junior yarose ikarata itukura kumunota wa 80 w’urukino

Uru rukino rwari rusa naho rudasanzwe kumpande zose niraburya iyi mirwi yose kwari ibiri ,isanzwe ifise ahise gakomeye mu bijanye n’umupira w’amaguru murico gihugu ca France ,gusa naho bose bashaka gutahana amanota 3 ,urukino rwaje guhera aya makipe yose anganya ibitsindo 2 kuri 2 bituma umurwi wa PSG uguma mukibanza cawo ca mbere namanota 26 mugihe Marseille yoyo yaciye imanuka ija mukibanza ca 5 muriryo higanwa n’amanota 19.

Cavani yari yagerageje guca muryahumye abakinyi ba Marseille bimuta kuwamazi gusa yaje gutsinda igitsindo catumye umurwi wiwe unganya na Marseille mu minota yanyuma y’urukino

Ibi bitsindo rero vy’iyi mirwi vyatinzwe kuruhande rwa Marseille na Luiz Gustavo kumunota wa 16 hamwe na Florian Thauvin  kumunota wa 78 w’urukino mugihe kuruhande rwa PSG  icambere cinjijwe na Neymar kumunota wa 33 w;urukino naho icakabiri kikaba cinjijwe na Cavani kumunota wa 92 w’urukino.

Bubibutse ko Neymar ariwe mukinyi gushika ubu yaguzwe amahera menshi kuva umupira w’amaguru wabaho akaba yaguzwe amahera ashika kuri 220 Millions yamanyamerika akaba yagiye muri PSG avuye muri Fc Barclona.

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply