Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Francine Niyonsaba ,umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi  mu kwiruka imetero amajana umunani(800m) kugwego rw’isi yose yambitswe umudari w’iteka nk’umunonotsi wakarorero kandi urundi rwaruka rukwiye kurabirako akarorero keza.

Umudari witeka yawambwitse n’umukuru w’igihugu ,kuruyu wa kane igenekerezo rya 25 munyonyo kuri stade yitiriwe “Urunani”iri muri komine Buganda mu Ntara ya Cibitoke.

Francine Niyonsaba akaba yabwitse uyu mudari n’umukuru w’igihugu c’uBurundi bwana Pierre Nkurunziza mu birori vyari vyatumiwemwo abaserukira intara zose z’uBurundi  hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi .

Uyu mudari witeka wambitswe Francine Niyonsaba ,yawambitswe inyuma yaho atereye iteka uBurundi agatahukana ikibanza ca kabiri  mu nkino za Jeux Olympique zariko zirabera muri Amerika y’ubumanuko mu gihugu ca Bresil.

Umukuru w’igihugu afata ijambo yashimiye ,umunonotsikazi Francine niyonsaba kubwitange akoresha mu guseruukira igihugu ciwe neza mu makungu yongera amumenyesha kwari akarorero kurundi rwaruka rutari ruke ndetse ko nabandi baba bakwiye kumufata nk’akarorero kubera amaze gutera iteka igihugu akatari gake.

Raba mu mafoto ingene ibiroro vyari vyifashe kukibuga citriwe “Urunani” mu ntara ya Cibitoke

cyhps8qwqae9jgi

Francine Niyonsaba yambitswe umudari w’iteka yongera ahabwa n’ibahasha irimwo agashimwe

 

cyhndvqwgaaknq0

Kari akamwemwe kuri Francine Niyonsaba ko guterwa iryo teka n’umukuru w’igihugu .

 

cyhpvutxcaavbn0

Ngabo Leonce yamenyekanye cane  mu ndirimbo yakunzwe cane yitwa”Sagamba”saririmbiye abari ngaho ,abari mu bwugamo bose bahagurukira rimwe baririmba indirimbo Sagamba Burundi

Abategetsi bari mubwugamo banezerejwe nururirimbo rwa Leonce Ngabo barahaguruka bamufasha kururirimba

Abategetsi bari mubwugamo banezerejwe nururirimbo rwa Leonce Ngabo barahaguruka bamufasha kururirimba

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Inkino, Muhira

Leave a Reply