Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Pierre Nkurunziza bisa nivyamunaniye kw’igumya ,inuma yaho mugenziwe w’igihugu c’uRwanda amwagiririje kwariwe ateje umutekano muke mu Burundi kandi ko yirirwa yica abanyagihugu.

Inyuma yaya majambo yavuzwe na Paul Kagame atwara uRwanda,abategetsi bo kuruhande rw’uBurundi basa nabirinze cane kugira ico batangaje canke ngo bishure murwego rwo guterana amajambo ,ariko bwana willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mubiro vy’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko bahisemwo kunuma kandi ko batorota baterana amajambo n’umukuru w’igihugu c’uRwanda .

Kuruyu musi kuwa 11 munyonyo niho bwana Nkurunziza Petero yasa naho yishuye mugenziwe naho asa naho yabicishije muvy’ijambo ry’Imana .

Inyishu ya Pierre Nkurunziza kuri mugenziwe w’uRwanda  ntanahamwe itaniye nagato niyuw’umuhanuzi wiwe willy nyamitwe kuko bose basa nabahurije kukintu kimwe ariko” silence ”

Mumajambo yiwe Umukuru w’igihugu c’uBurundi bwana Pierre Nkurunziza yagize ati”

Uwicisha bugufi imbere y’inyonga zayo, akarinda akarimi kiwe, akagwiza ibikorwa n’ukugira neza, Iramuhezagira we n’ubutaka abayeko.” 

Muraya majambo ya Pierre Nkurunziza hagarutsemwo ijambo “uwurinda akarimi kiwe” risa cane niryashikirijwe na Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru mubiro vy’umukuru w’igihugu aho yavuze ko batoterana amajambo na bwana Kagame asanzwe arongoye uRwanda.

Pierre Nkurunziza yongeye kugaruka kukibazo kiriko kivurwa kw’isi yose aho havurwa ko hashobora kwaduka ihonya bwoko mu Burundi bafatiye kumvigo zabamwe mubegereye ubutegetsi bwa CNDD FDD ndetse bakongera bagafatira kubantu birirwa baricwa izuba riva.

Bwana Pierre Nkurunziza yagize  ati”A tous ceux qui prêchent un génocide au ‪#‎Burundi‬, je leur redis qu’il n’y en aura plus. Plus Jamais ça!”

Untitledhg

Ibi Pierre Nkurunziza akaba yabishikirije inyuma yumusi umwe gusa Inama nkuru y’umutekano kw’isi ikoranye aho yariko iriga kungaruka mbi zishobora gushikira uBurundi kubera amajambo yakoreshejwe nabamwe mubategetsi bu Burundi.

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply