Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Nkuko vyama bigenda kumwaka kumwaka mu gihugu cose ,Umukuru w’igihugu bwana Pierre Nkurunziza yongeje gutanguza urugendo rw’amahoro mugihugu cose.

Nkuko vyama bikorwa hifashishijwe urumuri rw’amahoro ,abarundi atari bake bambaye udupira twera turiko amajambo ashigikira amahoro n’iterambere , bafadikanije n’umukuru w’igihugu batangura urugendo rw’amahoro bafise urumuri .

Uru rumuri rwamahoro rukaba rwakijwe kuncuro yambere muruyu mwaka wa 2015 ,n’umukuru w’igihugu arikumwe n’abanyagihugu bo muntara ya Kayanza .

Inyuma yo gutanguza ico gikorwa ,uru rumuri rwamahoro rukaba rwaciye rutangura kuzunguruka uBurundi aho mbere rwaciye rwerekeza muntara ya Ngozi.

Amakuru abandanya ava mubegereye ibiro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko urwo rumuri rwamahoro ruzova mugisagara ca Ngozi ruca ruja mu Ntara ya Kirundo .

1933185_10205312824803729_7918372593667327315_o 12370652_10205312825203739_1197680820449171492_o

Nkuko ayo makuru abandanya abivuga ,urwo rumuri rukazobanza kuzunguruka intara zo muburaruko bw’igihugu hanyuma ,ico gikorwa kikazoba kizoca kibandaniriza muzindi ntara z’uBurundi.

Tubibitse ko uru rumuri rwamahoro rwama ruzunguruka umwaka kumwaka mu Burundi mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro n’umutekano.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply