Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Pierre Nkurikiye asanzwe amenyesha amakuru kurwego rw’umutekano (igipolice ) yaraye  yamenyesheje ko igipolisi c’uBurundi  cafashe abantu bari  bitwaje ibirwanisho ( ama grenade) hamwe n’amasasu,nkuko bwana Nkurikiye yabishikirije abo bantu bafatiwe  muri zone ya Mutakura ,imwe muma zone amaze imisi arangwamwo umutekano muke muri misi.

Bishikirizwa na  Pierre Nkurikiye akongera akanabicisha no kurubuga rw’iwe rwa Twitter abantu bagera kuri  3 bashoboye guhagarikwa ariko murabo 3 bahagaritswe ,bwana Nkurikiye yamenyesheje ko 2 muribo bafise ubwnegihugu bw’uRwanda.

Abo rero bahagaritswe n’igipolice  bafatanwe ama grenade ashika kurane (4) hamwe n’amasasu agera kuri 20.

Pierre Nkurikiye akaba yabandanije amenyesha ko ico gikorwa co gusaka muri zone ya Mutakura cabaye inyuma yaho hari haheze imisi ibiri y’ikurikiranya murico gice co muburaruko bw’igisagara ca Bujumbura harangwa umutekano muke ndetse  hicirwa abantu batari bake.

Raba musi ivyo Pierre Nkurikiye yashikirije  kurubuga rwiwe rwa twitter 

12219560_505608306288830_1151783406094120185_n

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. alonso says:

    ça fait vraiment honte de constater que au lieu de faire sa politique qui protège le peuple on choisi de le massacrer faire croire au citoyens que les problèmes viennent d’ailleurs les rwandais viennent tuer les boutonnais ? depuis quand? et pourquoi ? quel interêt ? même si c’est le cas les forces de l’ordre ne peuvent pas assurer la securite du pays et son peuple ? arrêtez c’est ridicule

Leave a Reply