Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushintahe Pierre claver Mbonimpa asanzwe arongoye imbere y’amategeko  ishorahamwe APRODH ry’ihaye intumbero yo guharanira agateka kazina muntu hamwe n’akabanyororo  aguma asemerera naho ari  mubuhungiro mumakungu .

Pierre claver Mbonimpa naho amagara amukitse kubera abashatse kumwaka ubuzima mu mezi aheze yongeye gutera akamo amakungu asaba ko hofatwa ingingo zihuta kugira uBurundi buve mubwicanyi burimwo muri misi kuko abantu ngo baguma bicwa kumusi kumusi.

Bwana Pierre claver Mbonimpa yongeye kw’ibutsa ko mubantu boba bamaze gusiga ubuzima muruhagarara rumaze imisi muburundi ko barenga igitigiri ca 250 kuva mukwezi kwa 4 gusa.

Bwana Pierre claver Mbonimpa mukiganiro yagiranye n’akimwe mubimenyesha makuru vyo mugihugu c’ububirigi yagize ati:Naho ntari mugihugu canje c’amavuko ,nguma mbandanya nkurikiranira hagufi ibibera mu Burundi umwanya kumwanya ,Pierre claver Mbonimpa yongeye ati kuva Pierre Nkurunziza yihaye uruhusha rwo gutwara ikindi kiringo ciwe ca 3 ,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yagumye yamama ko yokwisubirako akareka iyo ngingo yari yafashe ariko biba ivyubusa ,kuva ico gihe rero hatanguye kuba umutekano muke mugihugu ,abatavuga rumwe n’umugabwe uri kubutegetsi baratotezwa abandi baricwa ,abandi barahunga,ubu rero muri rusangi ibiharuro dufise vyemeza neza  ko abantu barenga 250 bamaze kurwa mu Burundi kuva mukwezi kwa  ndamukiza”

Tubibutse ko Pierre claver Mbonimpa yahatswe kugandagurwa nabantu bitwaje ibirwanisho itariki 3-8 -2015 aho yaratashe muhira iwiwe akaraswa n’umuntu atamenyekanye gushika iyi saha ,bwana Pierre claver Mbonimpa akaba yaciye ajanwa kuvurirwa mugihugu c’ububirigi nabaganga babinonosoye ,gushika niyi saha akaba atarakira neza ariko ubu akaba ashobora kuvuga ariko bigoranye.

Pierre claver Mbonimpa akaba rero aheruka kumenyesha ko niyakira azoca garuka guharanira agateka kazina muntu hamwe n’akabanyororo nkuko yamwe abikora kuva kera.Pierre claver Mbonimpa :bishasha.com

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply